Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barcelone : Uwikekwa gukora igitero cahitanye abantu 15 yishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barcelone : Uwikekwa gukora igitero cahitanye abantu 15 yishwe

Barcelone : Uwikekwa gukora igitero cahitanye abantu 15 yishwe

mardi 22 Myandagaro 2017

Abategetsi mu gihugu ca Espagne bavuga ko inyuma yo kwikeka ko yoba yiboheyeko ibombe baciye bamurasa, ariko mu nyuma basanze itari ibombe y’ukuri.

Abategetsi kandi bamenyesha ko Younes Abouyaaqoub yari azwi nk’umusuma w’imodoka kandi akora n’ibitero vyo gucumita abantu akoresheje imbugita.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu mu ntara ya Catalan, Joaquim Forn yamenyesheje ko ivyemezo biriho ko Younes Abouyaaqoub yarashwe ariwe yariko atwara imodoka yishe abantu 15 mu gisagara ca Barcelone.

Mu giporisi bavuga ko hakiri uwundi akomeye mw’idini rya Islam bakirondera Abdelbaki Es Satty, vyikekwa ko ariwe yatanze inyigisho ku bakoze igitero.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.