Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barcelone : Uwikekwa gukora igitero cahitanye abantu 15 yishwe
Barcelone : Uwikekwa gukora igitero cahitanye abantu 15 yishwe
mardi 22 Myandagaro 2017
Abategetsi mu gihugu ca Espagne bavuga ko inyuma yo kwikeka ko yoba yiboheyeko ibombe baciye bamurasa, ariko mu nyuma basanze itari ibombe y’ukuri.
Abategetsi kandi bamenyesha ko Younes Abouyaaqoub yari azwi nk’umusuma w’imodoka kandi akora n’ibitero vyo gucumita abantu akoresheje imbugita.
Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu mu ntara ya Catalan, Joaquim Forn yamenyesheje ko ivyemezo biriho ko Younes Abouyaaqoub yarashwe ariwe yariko atwara imodoka yishe abantu 15 mu gisagara ca Barcelone.
Mu giporisi bavuga ko hakiri uwundi akomeye mw’idini rya Islam bakirondera Abdelbaki Es Satty, vyikekwa ko ariwe yatanze inyigisho ku bakoze igitero.
MUGISHA Van Naris
Messages
23 Myandagaro 2017, 15:17, par nephtalie
Turashimiye bimwe bivuye k’umutima abo ba police bo muri Espagne bishe iyo ntagondwa bakomeze akazi kabo kama kawaida