Accueil > Inkino > basketball > Basket Ball : Imirwi iserukira igisagara ca Bujumbura yigenjeje neza mu (...)
Basket Ball : Imirwi iserukira igisagara ca Bujumbura yigenjeje neza mu gikombe c’Umukuru w’igihugu
lundi 13 novembre 2017
Izo nkino zabereye mu gihugu hagati zikaba zagaragaje ko imigwi yo mugisagara ca Bujumbura igifise ico isumvya iyo mu gihugu hagati kuko yose yatahukanye intsinzi yorohewe cane haba mu bagabo canke mu bigeme.
Mu bahungu,inkino zagenze uku gukurikira, mu migwi 24 yaserutse :
Urunani BBC 107-28 Cibitoke.
Gymkhana 85-59 Muramvya.
Kern 89-46 Bujumbura Rural.
New Star 84-24 Bubanza.
Mwaro 78-65 Imbeya (Gitega).
Target(Ngozi) 83-33 Kirundo.
Messager Ngozi 50-36 Kayanza.
Cankuzo 42-25 Ruyigi.
Young Eagles(Gitega) 93-48 Karuzi.
Rutana 68-65 Makamba.
Rumonge 53- 58 Bururi.
Friends Team (Ngozi) 64 – 35 Muyinga.

Mu bigeme ku migwi umunani yitavye izo nkino inkino batsindanye uku gukurikira :
Berco Star 84-24 Mwaro.
Les Gazelles 111-12 Rumonge.
Ngozi 46-25 Gitega.
Aigle Noire 87-20 Makamba.
Izo nkino zikaba zigiye kubandanya ku migwi yatsinze ikaja mu gice gikurikira, aho bitegekanijwe ko zizorangira mu mpera z’umwaka.
BUKURU Pacifique