Basketball : Uko inkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu zagenze mu mpera z’indwi iheze

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 20 Munyonyo 2017 saa 09:47
4635
0 0

Inkino zo guhiganirwa igikombe c’umukuru w’igihugu zarabandanije ku ndwi yazo igira kabiri, kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 18 Munyonyo 2017. Abakunzi b’imigwi yo mu gisagara ca Bujumbura baratangajwe n’impinduka babonye, kuko uko bari biteze imirwi yo hagati mu gihugu atariko bayisanze.

Imirwi y’Urunani na New Star izwi nk’iyahora iri imbere mu rukino rwa Basket yaratangajwe mu gutsindwa n’imigwi nka Ghymkhana yirahiye Urunani ku manota 52 kuri 47, umugwi wa Kern wirahira New Star ku manota 58 kuri 60, ivyo bikerekana ko imirwi iriko iraja ku rugero rusa n’urungana uravye ubusumbasumbane bw’amanota make barushanya.

Mu migwi yo mu gihugu hagati, inkino zagenze uku gukurikira :

Cankuzo 71 - 33 Messager Ngozi

Friends Team (Ngozi) 59 – 43 Target Intamenwa (Ngozi)

Bururi 73 - 57 Rutana

Gasumo (Mwaro) 74 - 83 Young Eagles (Gitega)

Inkino zigice ca kabiri gishira ica nyuma hamwe n’urukino rwa nyuma zizobera mu gisagara ca Ngozi, ku magenekerezo ya 23 na 24 Kigarama 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha