Basketball : Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi watsinzwe n’Ubuganda

Yanditswe na IGIHE
Kuya 16 mars 2017 saa 10:15
Yasomwe : 5121
0 0

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi ukina urukino rw’umupira w’amaboko Basketball watsinzwe urukino rwa mbere mw’ihiganwa rya zone V ririko ribera mu gihugu ca Misiri.
Urukino rwa mbere rwahuje umurwi w’Uburundi na Somaliya ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 14 Ntwarante,umwaka wa 2017 rwaheze umurwi w’Uburundi utsinze umurwi wa somalia .
Mu rukino rwa kabiri rwahuje umurwi w’Uburundi n’uwo Ubuganda ntivyoroshe kuko umurwi w’Ubuganda werekanye ko umenyereye amahiganwa mu gutsinda umurwi w’Uburundi, (...)

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi ukina urukino rw’umupira w’amaboko Basketball watsinzwe urukino rwa mbere mw’ihiganwa rya zone V ririko ribera mu gihugu ca Misiri.

Urukino rwa mbere rwahuje umurwi w’Uburundi na Somaliya ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 14 Ntwarante,umwaka wa 2017 rwaheze umurwi w’Uburundi utsinze umurwi wa somalia .

Mu rukino rwa kabiri rwahuje umurwi w’Uburundi n’uwo Ubuganda ntivyoroshe kuko umurwi w’Ubuganda werekanye ko umenyereye amahiganwa mu gutsinda umurwi w’Uburundi, ku manota 99 kuri 54 y’Uburundi.

Uburundi buri mu murwi wa B ugizwe n’ibihugu vy’Ubuganda hamwe na Somalia, mu gihe uwundi murwi urimwo Urwanda, Kenya, Sudani yo mu bumanuko hamwe na Misiri yakiriye ihiganwa.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha