Bresil: Luiz Inacio Lula da Silva yahoze arongoye igihugu yasabiwe gupfungwa imyaka icenda n’igice

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 Mukakaro 2017 saa 08:08
Yasomwe : 1449
0 0

Luiz Inacio Lula da Silva, yahoze arongoye igihugu ca Bresil yaciriwe gupfungwa imyaka icenda n’igice ,inyuma yo kwagirizwa n’ubutungane kurya ibiturire no kunyuruza amafaranga ya Reta.

Amakuru dukesha Iradiyo Ijwi rya Amerika,amenyesha ko umucamanza w’igihugu Sergio Moro yavuze ko Luiz Inacio Lula da Silva yagirizwa ko yanyuruje amafaranga ingana n’umuriyoni w’amadorare yakoresheje mu gusanura inzu yiwe iri hafi y’ibahari.

Luiz Inacio Lula da Silva yahakanye ivyo yagirizwa vyose,akavuga ko ataho bifatiye kandi ari ibinyoma,ahubwo afitaniye ibibazo n’umucamanza w’igihugu Sergio Moro.

Amakuru ya Radiyo ijwi rya Amerika amenyesha ko Luiz Inacio Lula da Silva azoguma yidegemvya mu gihe cose azoba akiriko aritaba ubutungane.

Luiz Inacio Lula da Silva na Sergio Moro bafatwa nk’abantu bakomeye mu gihugu ca Bresil.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha