IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Bujumbura:Ishirahamwe WAP-Burundi ryatunganije urugendo rw’amahoro

Bujumbura:Ishirahamwe WAP-Burundi ryatunganije urugendo rw’amahoro

samedi 16 décembre 2017

Nkuko biri mw’itangazo ryasohowe n’ihuriro WAP-Burundi kur’uyu wa gatanu, urwao rugendo rwatanguriye mu kibanza citiriwe Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, hafi y’ingoro y’umugambwe CNDD-FDD , iri muri zone ya Ngagara.

Abitavye urwo rugendo rw’amahoro bari bitwaje ivyapa vyanditseko ngo : Uburundi bwarikukiye, umukoroni nta kibanza agifise mu buzima bw’igihugu cacu,abipfuza gusambura inzego zo kwivuna abansi n’izumutekano, nibateshwe bate, kirimw’abagabo,Dushigikire amahoro, niyo nkingi y’iterambere rirama.

Abo bari mu rugendo rw’amahoro, bashitse kw’ihoteri yiciwemwo incungu y’ukwikukira Umuganwa Ludoviko RWAGASORE, baciye bahagarara umwanya muto kugira ngo bibuke ibihe bitoroshe Uburundi bwaciyemwo mu gihe c’intwaro y’abazungu.

Abo mu yandi mashirahamwe bitavye urwo rugendo bamenyesheje ko amahoro asasagaye mu Burundi, naho hari bamwe mu bitavye ibiganiro bihruka kubera i Arusha bavuze ko mu Burundi ata mahoro ahari.

Abakenyezi bahurikiye mw’ihuriro WAP-Burundi baboneyeho n’akaryo ko gusaba abarundi bahunze igihugu guhunguka, kugira bafashanye mu gushikana igihugu kw’iterambere rirama.

Urwo rugendo rwitabwe n’amashirahamwe nka AJAP,CODIP,CASAF,CAPES+,ACOPA,Ligue IZERE Ntiwihebure n’ayandi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.