IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Burkina Faso : Abantu 18 bahitanywe n’igitero, 20 barakomereka

Burkina Faso : Abantu 18 bahitanywe n’igitero, 20 barakomereka

lundi 14 Myandagaro 2017

Amakuru ava ku mugwa mukuru Ouagadougou amenyesha ko abantu bari bitwaje ibigwanisho batanguye bakiri hanze hafi y’ikibanza abantu bariko baranyweramwo.

Ubutegetsi bwaho muri Burkinafaso bumenyeshako abantu 2 bari mu bateye bishwe n’abajejwe umutekano.

Bivugwa ko ubu ngaho i Ouagadougou abantu benshi batewe n’ ubwoba butewe nuko ico gitero coba cakozwe n’umugwi ukorana na al-Qaeda usanzwe ucumbitse mu bice bigize ubugaragwa Sahel.

Mwomenya ko mu kwezi kwa nzero mu mwaka uheze kohabaye igitero c’abajihadisite hafi y’ubwo bunywero catumye abantu 30 bahasiga ubuzima.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • abanyafrica bose nibamenye ko ikibazo c’iterabwoba gishobora kubera mu bihugu nka vyose vyo kwisi ntagusamara rero tuve hasi twese hamwe mugutanga amakuru yose ashoboka ahoba hari izo ntagondwa .Abashinzwe umutekano b’isi yose nabo bakama barikanuye ahantu hose umwanya uwariwo wose kugira bashobore gukingira abanyagihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.