Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Buterere : Ishirahamwe JSBM ryasangiye umunsi mukuru wa Noweli n’abana (...)
Buterere : Ishirahamwe JSBM ryasangiye umunsi mukuru wa Noweli n’abana bahoze mw’ibarabara
mercredi 27 décembre 2017
Intambo, agatwengo n’ukwidagadura nivyo vyaranga abana ndetse n’abavyeyi, aho inkumi n’imisore bahurikiye mw’ishirahamwe JSBM basangiza Noweri, urwaruka rwahoze ruja mw’ibarabara.Udushimwe dutandukaye twaratanzwe ku bana basumbije abandi kw’ishuri.

RUREMESHA Hugues Ardy, arongoye ishirahamwe JSBM, amenyesha ko umugambi « Nanje nobaho », wihaye intumbero yo gufasha abana bahora baja kurondera ubuzima mw’ibaraba kugira imiryango yabo ibeho, ugasanga bahuye n’ingorane nyinshi nko guhagarika amashuri.
Hugues Ardy avuga ati :« Abo bana bakeneye uwubatahuza ko ishuri ari nkenerwa,bakabona ko kazoza kabo kari ku ntebe y’ishuri.Twebwe turagerageza ukwo dushoboye mukubaha ibikoresho vy’ishuri, tukababa hafi, ndetse n’abavyeyi tukabigisha ibijanye no kuvyara abo bashoboye kurera. »
NDANGA Renaud Juvency, yateguye uwo munsi mukuru, avuga ko icatumye ategura uwo munsi mukuru ari kugirango basangize Noweri abo bana basanzwe batishoboye,bongere bashimire abigenjeje neza mw’ishuri, gutyo n’abandi bashobore kuboneraho akarorero, bagire intege zo gukora cane.
Audrine Iraradukunda, umwe mu bana bafashwa n’umugambi « Nanje nobaho », avuga ko uwo mugambi ubafasha cane.
« Jewe ngeze mu mwaka w’indwi, imbere y’uko « Nanje nobaho » imfasha, nari nahagaritse kwiga kuko atamahera y’ishuri canke ibikoresho vy’ishuri nari nkironka.Ubu ndiga ata ngorane n’imwe. Bizomfasha kwiteza imbere no guteza imbere umuryango wanje. »
Audrine asaba urundi rwaruka kuja mu mugambi « Nanje nobaho », gutyo ingorane zigabanuke.
Gaudance Gahimbare, umwe mu bavyeyi bafashwa na « Nanje nobaho », avuga koubu hari ibitari bike vyahindutse.
« Ubu nta kibazo c’ivyankenerwa vy’ishuri vy’abana tukigira .Abavyeyi natwe turaronswa inyigisho zitandukanye nko kubijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza,bakanaturonsa udutahe two kwikenura. »

Umugambi « Nanje nobaho » ukaba umaze gufasha urwaruka 60 gusubira ku ntebe y’ishuri, muribo hakaba harimwo n’abariko barakura bigishwa imyuga.

Pacifique BUKURU
Messages
26 janvier 2018, 06:00, par Irankunda Archange
Nivyiza cane kubona urundi rwaruka twitaho urundi rwaruka turondera kubaho neza kwabo.vyukuri nikintu Co gushima. courage Hughes courage JSBM kuntumbero twihaye.