Accueil > Amakuru > ishirahamwe > "Ibibazo hagati y’Uburundi n’Urwanda bizotorerwa inyishu mu biganiro" - (...)
"Ibibazo hagati y’Uburundi n’Urwanda bizotorerwa inyishu mu biganiro" - CIRID"
jeudi 20 Mukakaro 2017
Mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe CIRID kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 mukakaro 2017, umukuru waryo, Deo HAKIZIMANA amenyesha ko yipfuza ko ivyo guterana amajambo hagati y’Uburundi n’Urwanda vyohagarara.
Deo HAKIZIMANA yavuze ati :«Ivyo guterana amajambo hagati y’Urwanda n’Uburundi ndipfuza ko bihagarara. Ndashigikiye ibiganiro Urwanda n’Uburundi bazogirana, ariko ikibazo n’ico kumenya bizobera hehe, ninde azobigira?.»
- Deo HAKIZIMANA,umukuru w’ishirahamwe CIRID
Umukuru w’ishirahamwe CIRID avuga ko ku ruhande rwiwe amaze gutunganya ibiganiro hagati y’abanyarwanda n’abarundi, aho abasaba kuja kuvugira imbere y’amakungu ariko hatarimwo gutukana.
Ku kibazo c’ibikorwa vy’umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira, Deo HAKIZIMANA yavuze ko adatahura ingene CVR ibura uburyo bwo gukora, kuko biboneka neza ko ikibazo umurwi CVR ufise ari ikibazo c’uburyo.
Deo HAKIZIMANA ashikiriza icipfuzo ciwe ati : «Kubera nkunda umurwi CVR, ndipfuza ko hoba akanya ko kwiga igituma CVR ibura uburyo.»
Kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 Mukakaro 2017, kari akaryo kandi ko guhimbaza imyaka 20 iheze ishirahamwe CIRID rishinzwe.
MUGISHA Van Naris
Messages
20 Mukakaro 2017, 16:27, par Hicuburundi
Mutama Deo,ubona Nyakubahwa Paul Kagame yovugana iki na Peter?DD bugaye imipaka ntabidandazwa bijabuka none mushaka iki?u Rwanda rwaradusize kera cane rushikirana naza Israel, none ko abategetsi b’u Burundi bama bavuga u Rwanda mugabo u Rwanda rukinumira,bobo bashishikajwe n’iterambere ry’igihugu cabo,DD puuuuuuu
20 Mukakaro 2017, 17:34, par karamaga
Hucuburundi,
urumuntu wumugabo nange nibaza icyo U Rwanda rwaganira N’Uburundi kuko ibibera iyo iwanyu nimwebwe bireba gusa kdi tubafata nkabadafite icyomukora arukwirirwa mwicabantu gusa.