Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ibibazo hagati y’Uburundi n’Urwanda bizotorerwa inyishu mu biganiro" - (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > "Ibibazo hagati y’Uburundi n’Urwanda bizotorerwa inyishu mu biganiro" - (...)

"Ibibazo hagati y’Uburundi n’Urwanda bizotorerwa inyishu mu biganiro" - CIRID"

jeudi 20 Mukakaro 2017

Mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe CIRID kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 mukakaro 2017, umukuru waryo, Deo HAKIZIMANA amenyesha ko yipfuza ko ivyo guterana amajambo hagati y’Uburundi n’Urwanda vyohagarara.

Deo HAKIZIMANA yavuze ati :«Ivyo guterana amajambo hagati y’Urwanda n’Uburundi ndipfuza ko bihagarara. Ndashigikiye ibiganiro Urwanda n’Uburundi bazogirana, ariko ikibazo n’ico kumenya bizobera hehe, ninde azobigira?.»

JPEG - 72.3 ko
Deo HAKIZIMANA,umukuru w’ishirahamwe CIRID

Umukuru w’ishirahamwe CIRID avuga ko ku ruhande rwiwe amaze gutunganya ibiganiro hagati y’abanyarwanda n’abarundi, aho abasaba kuja kuvugira imbere y’amakungu ariko hatarimwo gutukana.

Ku kibazo c’ibikorwa vy’umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira, Deo HAKIZIMANA yavuze ko adatahura ingene CVR ibura uburyo bwo gukora, kuko biboneka neza ko ikibazo umurwi CVR ufise ari ikibazo c’uburyo.

Deo HAKIZIMANA ashikiriza icipfuzo ciwe ati : «Kubera nkunda umurwi CVR, ndipfuza ko hoba akanya ko kwiga igituma CVR ibura uburyo.»

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 Mukakaro 2017, kari akaryo kandi ko guhimbaza imyaka 20 iheze ishirahamwe CIRID rishinzwe.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Mutama Deo,ubona Nyakubahwa Paul Kagame yovugana iki na Peter?DD bugaye imipaka ntabidandazwa bijabuka none mushaka iki?u Rwanda rwaradusize kera cane rushikirana naza Israel, none ko abategetsi b’u Burundi bama bavuga u Rwanda mugabo u Rwanda rukinumira,bobo bashishikajwe n’iterambere ry’igihugu cabo,DD puuuuuuu

  • Hucuburundi,
    urumuntu wumugabo nange nibaza icyo U Rwanda rwaganira N’Uburundi kuko ibibera iyo iwanyu nimwebwe bireba gusa kdi tubafata nkabadafite icyomukora arukwirirwa mwicabantu gusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.