CNAC MURIMA W’ISANGI isaba ko ingingo yo gushira ikawa mu minwe y’abikorera ivyabo isubirwamwo

Yanditswe na IGIHE
Kuya 4 janvier 2017 saa 06:40
Yasomwe : 2700
0 0

Urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa CNAC-MURIMA W’ISANGI rusaba ko ingingo yo gushira igisata c’ikawa mu minwe y’abikorera ivyabo yosubirwamwo,amatonorero y’ikawa nayo ataraja mu minwe y’abikorera ivyabo b’abanyamahanga agahabwa abarundi.
Joseph NTIRABAMPA arongoye urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa CNAC-MURIMA W’ISANGI amenyesha ko Reta n’abafise uruhara bose mu giterwa c’ikawa bokwicara hamwe kugira bihweze ingene ibice bibiri vyo gushira igisata c’ikawa mu minwe y’abikorera ivyabo (...)

Urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa CNAC-MURIMA W’ISANGI rusaba ko ingingo yo gushira igisata c’ikawa mu minwe y’abikorera ivyabo yosubirwamwo,amatonorero y’ikawa nayo ataraja mu minwe y’abikorera ivyabo b’abanyamahanga agahabwa abarundi.

Joseph NTIRABAMPA arongoye urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa CNAC-MURIMA W’ISANGI amenyesha ko Reta n’abafise uruhara bose mu giterwa c’ikawa bokwicara hamwe kugira bihweze ingene ibice bibiri vyo gushira igisata c’ikawa mu minwe y’abikorera ivyabo vyakozwe.

Ku ruhande rwa Reta y’uburundi, umukuru w’igihugu yavuze ko Uburundi bwiteguye gukorana n’Ibanki y’Isi kugira barabe ingene igiterwa c’ikawa corimwa kandi kikadandazwa,kuko vyabonetse ko abagiye muri ico gisata c’ikawa bashize imbere inyungu zabo gusa atari inyungu z’igihugu.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko urudandazwa rw’ikawa baruhaye intumbero itariyo,ari naco gituma igihugu cahagiriye ingaruka.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha