IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CNIDH isaba Reta kugabanya ibihano yafatiye amashirahamwe adaharanira (...)

CNIDH isaba Reta kugabanya ibihano yafatiye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike

jeudi 12 Nzero 2017

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH usaba Reta y’Uburundi kugabanya ibihano vyo guhagarika burundu amashirahamwe amwe amwe yigenga gukorera ku butaka bw’Uburundi.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA amenyesha ko amashirahamwe yigenga afise uruhara runini mu bijanye no gushira ahabona amabi ahohotera agateka ka zina muntu, kandi avunira akagohe Reta mu bijanye no kwubahiriza amategeko.

Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu asaba amashirahamwe yigenga kutadadaza,akicara hamwe na Reta kugira bavugane kuvyo batumvikanako kandi badahurizako.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA aroongoye CNIDH avuga ko ihagarikwa ry’amashirahamwe yigenga akorera mu Burundi,ari uruhombo kuri Reta,kuri ayo mashirahamwe nyene no ku banyagihugu,kuko hari ibikorwa akorera abanyagihugu.

Umukuru w’umurwi CNIDH asaba amashirahamwe yahagaritswe kwitura ubutungane mu gihe hafashwe ingingo nkizo.

Amashirahamwe atandatu APPRODH, FORSC, FOCODE, RCP, ACAT BDI na Ligue ITEKA niyo amaze guhagarikwa burundu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.