Inama ya COMESA yari yasivye izobera mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 15 Kigarama 2017 saa 01:23
44265
0 0

Umurwi w’ishirahamwe COMESA ujejwe gutegura inama igira iya 20 izobera mu Burundi wagendeye kuri uwu wa gatanu ingoro y’amakoraniro mu Kigobe, ahasanzwe hakorera inama nshingamateka y’Uburundi. Abagize uwo murwi wa COMESA bavuga ko aho bagendeye ariho iyo nama izobera.

Inama igira iya 20 y’ishirahamwe COMESA (Common Market for Eastern and Southern Africa) yari itegekanijwe kubera mu Burundi mu kwezi kwa Gitugutu 2017 ntiraba. Umunyamabanga mukuru wa COMESA yamenyesheje ko ibikenewe vyose kugira Uburundi bwakire iyo nama bitari bwakwire.

JPEG - 193.5 ko
Umurwi wa COMESA uri kumwe n’intumwa za Reta y’Uburundi, wagendeye ingoro y’amakoraniro mu Kigobe, ahazobera iyo nama ya COMESA

Mu nama yari yitavye mu 2015 y’ishirahamwe COMESA, Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yari yasavye ko inama igira iya 20 y’iryo shirahamwe yobera mu Burundi. Abagize iryo shirahamwe baremeye ico cipfuzo, n’umunyamabanga w’iryo shirahamwe arishikira mu Burundi kubwira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko ico cipfuzo c’Uburundi cemejwe.

JPEG - 33.5 ko
Sindiso Ngwenya umunyamabanga mukuru wa COMESA, ari kumwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2017, Sindiso Ngwenya yaragarutse kandi mu Burundi, ari kumwe na Pelate NIYONKURU, atera umukono ku masezerano yemerera Uburundi kwakira inama igira 19 ya COMESA yobaye kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 19 Gitugutu 2017.

Mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ubudandaji kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro 2017, Sindiso Ngwenya, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe COMESA yamumenyesheje ko iyo nama itazobera mu Burundi nk’uko vyari vyemejwe, kubera ibikenewe vyose bidakwiye kugira Uburundi bwakire abakuru b’ibihugu bigize iryo shirahamwe, abatambukanyi babo hamwe n’abashikiranganji b’imigenderanire n’ab’ubudandaji b’ivyo bihugu vyose uko ari 20. Muvyo Uburundi budafise, umunyamabanga mukuru wa COMESA avuga nk’amahoteri adakwiye y’ukwakira abo bakuru b’ibihugu, umutekano, amazu (Salles) yokwakira abo bategetsi, urugero (Débit) rwa "Internet" ikenewe muri ayo manama rudakwiye, hamwe imiduga y’ukwunguruza abo bategetsi idakwiye.

Muri iryo kete, umunyamabanga mukuru wa COMESA yamenyesheje ko iyo nama izoca ibera ku cicaro c’iryo shirahamwe i Lusaka muri Zambiya, kw’igenekerezo rizomenyeshwa hanyuma.

Mu vyari bitegekanijwe kuba muri iyo nama ya COMESA i Bujumbura, harimwo inama ihuza abashikiranganji b’ubudandaji bava mu bihugu bigize ishirahamwe COMESA, inama ihuza abarwizatunga bava mu bihugu vya COMESA, inama ihuza abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vya COMESA, inama ihuza abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya COMESA, hamwe n’inama ihuza abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe COMESA.

Muri iyo nama kandi, kari n’akaryo ko kwemerera ibihugu vya Somaliya na Tuniziya kwinjira mw’ishirahamwe ry’isoko rusangi rihuza ibihugu vyo mu karere k’ubuseruko n’ako ubumanuko ku mugabane wa Afrika.

Uburundi bwabandanije kumenyesha ko bugifise icizere ko iyo nama izobera mu Burundi, kandi ko n’imyiteguro ibandanya.

Umurwi wa COMESA washitse i Bujumbura kuri uwu wa kane, ukaba uriko urirabira aho imyiteguro igeze. Uwo murwi ukaba ariko wabaye uremeza ko iyo nama izobera i Bujumbura, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe. Igenekerezo iyo nama izoberako ntiriramenyeshwa.

Ishirahamwe COMESA rigizwe n’ibihugu 20 arivyo : Burundi, Les Comores, République démocratique du Congo, Djibouti, Égypte, Érythrée, Éthiopie, Kenya, Libye, Madagascar, Malawi, Île Maurice, Rwanda, Seychelles, Soudan, Soudan du Sud, Swaziland, Ouganda, Zambie na Zimbabwe.

JPEG - 183.3 ko
Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe

Kumenyekanisha

1
nkotanyi 21-01-2018 à 07:22

Eeeeeeeh ni hatari kabisa mu kigobe mbega salle weeee???wagirango nizo ku ma shuli bakiniramo theatre,????, wowe witwa Gentil uvuga ngo ntahandi iyi nama yabera uretse I burundi nuko ari mwe mufite aho yabera heza??? cg Hotel nzuza?,mbese ko ndeba ikibazo cya salle mwagikemuye ikimodoka cyo bite??abashyitsi

2
abc 27-12-2017 à 08:02

aaaa

3
Gentil 16-12-2017 à 14:42

erega nubundi ntahandi izobera Ahubwo karibu mu Burundi iwacu..

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha