IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Cuba : Inama nshingamateka irakorana ubwa mbere kugira itore uwuzosubirira (...)

Cuba : Inama nshingamateka irakorana ubwa mbere kugira itore uwuzosubirira Raul Castro

mercredi 18 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo RFI amenyesha ko umukuru w’igihugu Raul Castro yari yamenyesheje ko azotanga imihoho mu kibanza c’umukuru w’igihugu inama nshingamateka nshasha iheruka gutorwa niyakorana mu ngoro y’amakoraniro ubwa mbere.

Ayo makuru abandanya avuga ko icitezwe muri iyo nama ari ukuva ku butegetsi kwa Raul Castro bitarenze muri ino ndwi ariko abakwirikirana hafi poritike yo muri ico gihugu bamenyesha ko ata kintu kinini kizohinduka naho azoba avuye ku butegetsi kuko benshi bagishigikiye ivyiyumviro hamwe n’imigabo uwo mukuru w’igihugu yagirako.

JPEG - 78.7 ko
Umukuru w’igihugu Raoul Castro

Bamwe mu banyagihugu bo muri ico gihugu ca Cuba bagize bati : « Vyari vyiza ko ibihinduka vyari guca mu yindi nzira »

Abandi bavuze bati :« Guhinduka kw’ibintu vyari bikenewe kuko hari haciye igihe kirekire bavuga uwuzosubirira umukuru w’igihugu, ubu ni akaryo ku rwaruka narwo kugira rutware. »

Raoul Castro w’imyaka 86 akwije imyaka cumi ari ku butegetsi yagiyeko inyuma y’urupfu rwa se wiwe Fidel Castro.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.