Cameroun : Umumenyeshamakuru wa RFI yahawe agashimwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 19 Mukakaro 2017 saa 08:25
Yasomwe : 1989
0 0

Umurwi wishinze gukingira abamenyeshamakuru wahaye agashimwe kitiriwe International Press Freedom umumenyeshamakuru ava mu gihugu ca Cameroun Ahmed Abba.

Abandi bahawe agashimwe ni Patricia Mayorga ava mu gihugu ca Mexique, Pravit Rojanaphruk ava mu gihugu ca Thailand, Afrah Nasser ava mu gihugu ca Yemen hamwe na Judy Woodruff.

Abo bamenyeshamakuru bahawe ubushimwe kubera ibikorwa bishimishije bakoze mu bihugu vyabo,aho bamwe bafashwe nabi gushika aho bokwicwa,abandi barapfungwa bazira gusa kurondera ukuri.

Ahmed Abba akorera iradiyo y’abafaransa RFI mu rurimi rw’igi haussa yahagaritswe mu kwezi kwa Mukakaro 2017.Kuva agifatwa yagumye avuga ko ataco yagirizwa ko ari umwere.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha