IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Canada : Abantu batatu bakomerekejwe n’ikintu caturikiye mu nzu (...)

Canada : Abantu batatu bakomerekejwe n’ikintu caturikiye mu nzu y’Uburiro

samedi 26 mai 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, yemejwe kandi n’abajejwe umutekano mu gisagara ca Toronto, amenyesha ko abo bantu baciye bajanwa mu bitaro.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko abo bantu binjiye mu buriro bwa Bombay Bhel imbere gatoyi yuko ico kintu giturika, baca barahunga bari mu muduga.

Umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Toronto, yavuze ko bitaramenyekana neza nimba ico gitero mu karere ka Mississauga coba gifitanye isano n’iterabwoba canke ubugizi bwa nabi bufatiye ku rwanko.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nanje nkumurundi ndahijeje imiryango yabuze nigihugu ca Canada ubwobugizibwanabi bwabereyemwo, kukobatwe ngaha Burundi ubugizibwanabi nkubwo buraherutse kuhabera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.