Catalogne : Abashaka ukwikukira bahamagaje iyindi myiyerekano

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 11 novembre 2017 saa 01:58
Yasomwe : 6543
0 0

Mu ntara ya Catalogne, kuva aho uwutwara inama nshingamateka Carme Forcadell aviriye mu gasho atangiwe ingwati y’ibihumbi 150.000 vy’amafaranga y’abanyaburaya yatanzwe n’abarongoye urugamba rwo guharanira ukwikukira, bahamagarira imyiyerekano rukokoma yo gushigikira ukwikukira kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Munyonyo 2017.

Bahamagariye abiyumvamwo demokarasi bose kwitabira iyo myiyerekano bakaba bafashe umusi wa gatandatu nk’umusi ukomeye cane.

Mu guserura akababaro bafise kubera abashikiranganji 8 n’abandi 2 bakomeye mu rugamba rwo guharanira ukwikukira kwa Catalogne bapfunzwe, bafashe umugambi wo gushira imbere imiryango y’abo bafunzwe .

Mu kubikora mu bumwe, bashimye kwambara imitamana isa n’umuhondo, ikimenyetso co guharanira ukwikukira.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha