Colombia : 6 bapfuye, 16 baburirwa irengero mw’isanganya ry’ubwato

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 26 Ruheshi 2017 saa 09:15
Yasomwe : 1971
0 0

Ubutegetsi bw’igihugu ca Colombiya bumenyesha ko abantu batandatu bapfuye, 16 nabo baburirwa irengero, inyuma yaho ubwato barimwo bwibira mu mazi, mu Buraruko bushira uburengero bw’ico gihugu.

Abategetsi bavuga ko abantu 133 mu bari mu bwato bwa Almirate barokotse inyuma yo gutabarwa, hafi y’igisagara ca Guatape.

Umwe mu bari hafi y’ahabereye iryo sanganya yavuze ko ubwo bwato bwarimwo abantu 170 bwibiye mu mwanya muto cane udashikana n’iminota itanu, ariko ubundi bwato bukoreshwa mu kwinezereza bwari hafi bwashitse kare kugira bufashe gukura abantu mu mazi.

Umukuru w’igihugu ca Colombiya, Juan Manuel Santos, inyuma y’urugendo yagize ahabereye iryo sanganya, yavuze ko abantu batandatu aribo bapfuye, mu gihe abategetsi bo bari bavuze abantu icenda.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha