Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Colombia : Ayandi masezerano aritezwe
Yanditswe taliki ya 24-11-2016 - isaha 09:21' na IGIHE

Reta ya Colombia yamenyeje ko izoshira umukono ku yandi masezerano n’abagwanyi ba FARC, inyuma y’aho aya mbere yiyamirijwe mu matora ya kamarampaka mu kwezi guheze. Ayo masezerano afise intumbero yo kurangiza imyaka irenga 50 y’intambara, aho abantu barenga 220.000 babuze ubuzima.

Ayo masezerano yasubiwemwo azokwemezwa n’inama nshingamateka hakwemezwa n’abanyagihugu.

Ariko abatavuga rumwe na Reta baguma bavuga ko n’ubu ata bihano ruhasha birimwo vyafatiwe abahoze ari abagwanyi ku vyaha bagirizwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu.

Nk’uko tubikesha BBC, mw’ijambo yashikirije ku mboneshakure ku musi wa kabiri, prezida Juan Manuel Santos yavuze : “Dufise akaryo kamwe gusa ko gusezerera igihe catubabaje, cababaje imiliyoni n’imiliyoni z’abanye Colombia mu kiringo c’igice c’ikinjana.”

Amasezerano ya mbere yari yashizweko umukono mu mezi abiri aheze mu birori vy’agakura imbere y’abategetsi b’amakungu, ariko aza kwiyamirizwa muri kamarampaka yo kw’itariki 2 mu kwezi kwa cumi.

Abatavuga rumwe na Reta barongowe n’uwahoze atwara ico gihugu Alvaro Uribe bavuze ko ayo masezerano yemerera ibintu vyinshi abagwanyi.

Umuhari wa Farc na Reta bakoze bihuta mu guhindura ibintu bigera ku 50 kugira abiyamirije ayo masezerano na Farc bayemere.

Ivyiyumviro vyanyu

Nibakomere kwibanga bateri mbere nkumuzinga, Imana ibabimbere.

25.11.2016 à 05:04
morodikayi.

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.