Cote d’Ivoire : Uwahoze ari umushikiranganji yarekuwe ivy’agateganyo

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 8 juin 2017 saa 01:07
Yasomwe : 2691
0 0

Uwahoze ari umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta mu gihugu ca Cote d’Ivoire ku ntwaro ya Laurent Bagbo, Hubert Oulaye yarekuwe vy’agateganyo kuva kuri uwu wa gatatu inyuma y’imyaka ibiri yari iheze apfunzwe i Abija yagirizwa ubwicanyi hamwe no kugira uruhara mu bwicanyi bwabaye ku ntwaro ya Laurent Bagbo .

Umushikirazamanza mukuru wa Repuburika w’i Abija Aly Yeo mu ntahe y’icese yashashe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya7 ruheshi 2017 yavuze ati : « Mu gihe Hubert Oulaye yokwisigura bihagije nta nkeka yorekurwa vy’agateganyo »

Abagiriza Hubert Oulaye bashize ahabona icegeranyo cemerera Hubert Oulaye kurekurwa vy’agateganyo, gutyo umushikiranganji Hubert Oulaye abona kwidengemvya.

Mu mwaka w’2015, niho umushikiranganji Hubert Oulaye yafashwe yagirizwa ubwicanyi hamwe no kugira uruhara mu bwicanyi bwakorewe mu burengero bw’ico gihugu ku ntwaro ya Laurent Bagbo.

Mu mwaka wa 2012, abasirikare 7 bava mu gihugu ca Niger bakorera ishirahamwe mpuzamakungu hamwe n’abantu 8 biciwe hafi y’ahitwa i Gugriyo mu ntara uyo mushikiranganji asanzwe avukamwo.

Mwomenya ko umushikiranganji Hubert Oulaye azobandanya yitaba ubutungane yidengemvya, ariko akaba ata genekerezo ryashikirijwe azokwitabirako.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha