Coupe du Monde2018 : Imirwi ine ya mbere izokina igice c’umunani gishira ica nyuma yamenyekanye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 26 juin 2018 saa 02:30
23820
0 0

Ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru ririko ribera mu gihugu c’Uburusiya ryarabandanije kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018. Imirwi ine ya mbere izokina igice c’umunani gishira ica nyuma yamaze kumenyekana.

Mu murwi wa mbere A warimwo Uburusiya, Uruguay, Misiri na Arabie Saoudite, imirwi ya Uriguay n’umurwi w’Uburusiya niyo izobandanya mu gice c’umunani gishira ica nyuma.

Umurwi wa Uruguaye uza mu kibanza ca mbere n’amanota 9 kuko watsinze inkino zitatu zose zo mu mirwi, umurwi w’Uburusiya uza mu kibanza ca kabiri kuko watsinze inkino zibiri utsindwa urwa nyuma rwo mu mirwi n’umurwi wa Uruguay, mu rukino rwabaye kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018.

Mu murwi B, gushika ku rukino rwa gatatu ku murwi wose, ivyawo ntivyari bwamenyekane, ariko vyose vyadadanutse inyuma y’urukino rwahuje Portugal n’umurwi wa Iran, aho iyo mirwi yanganije igitsindo kimwe ku kindi.

Mu rundi rukino rw’umurwi B, umurwi nserukiragihugu wa Espagne wanganije n’umurwi wa Maroc ibitsindo bibiri ku bindi, ivyatumye imirwi ya Portugal na Espagne inganya amanota atanu umwe wese, ariko umurwi wa Espagne uca ufata ikibanza ca mbere kubera ibitsindo vyinshi winjije.

Bitegekanijwe ko mu gice c’umunani gishira ica nyuma, umurwi wa Uruguay uzokina n’umurwi wa Portugal, kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2018, umurwi wa Espagne ukine n’umurwi w’Uburusiya, kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2018.


Kumenyekanisha

1
seremani 26-06-2018 à 20:42

Andika hano

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha