Urubanza rwa Diane RWIGARA rwasubiriye kwunguruzwa

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 13 Gitugutu 2017 saa 10:12
Yasomwe : 27513
0 0

Sentare nkuru y’i Nyarugenge i Kigali mu gihugu c’Urwanda yasubiriye gusasa kuri uwu wa gatanu mu rubanza rwa Diane RWIGARA n’umuryango wiwe. Murumuna wa Diane RWIGARA atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda arafise ivyo yasavye ubutungane.

Adeline RWIGARA yasavye abacamanza ko imbere y’ukuburanishwa yobanza agahabwa dosiye irimwo ivyaha yagirizwa.

Yasavye kandi yohabwa uburenganzira bw’ukugenderwa (Visite) aho mw’ibohero, guhabwa iminota 30 ku munsi y’ukuja hanze gusama akayaga, hamwe n’uko yosubizwa igitabu ciwe ca Bibiriya, n’igitabu kirimwo indirimbo igiporisi cafashe.

Diane Rwigara na Murumuna we basabiwe kuburana batandukanijwe n’umuvyeyi wabo

Sentare yasubiriye kwegeza inyuma urwo rubanza, irushira kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 16 Gitugutu 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha