IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Doanld TRUMP yabonetse nk’intambamyi ku bucuti bwa Amerika n’ibihugu vy’i (...)

Doanld TRUMP yabonetse nk’intambamyi ku bucuti bwa Amerika n’ibihugu vy’i Buraya

samedi 12 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryamenyesheje ko itorwa rya Donald Trump nk’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika ari ntambamyi ikomeye ku migenderanire hagati ya Amerika n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya.

Jean Claude Juncker, umukuru w’umurwi wo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, mw’ijambo yashikirije kuri uwu wa gatanu aho yari mu gihugu ca Luxembourg, yashikirije ko Donald Trump ataco anezwe ku migambi y’umugabane wa Buraya, kandi ko ibikorwa vyinshi Amerika imaze gukorana n’ibihugu vya Buraya bigiye kuba impfagusa.

JPEG - 28.5 ko
Jean Claude Juncker

Uwo mutegetsi wo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya amenyesha kandi ko Donald TRUMP hamwe n’umuryango w’Ubumwe bwa Burayi batavuga rumwe ku kibazo c’abimukira.

Tubibutse ko mu bihe vy’imyiyayamazo, Donald Trump yavuze ko azosubira kwihweza ibijanye n’imigenderanire Amerika ifitaniye n’inteko mvamakungu za OTAN, akaba kandi yaraneguye poritike y’Abanyaburaya ku bijanye no kwugururira imbibe zabo abimukira.


IGIHE

Messages

  • Trump aratej uruhagarara isi kabisa.jew narababwiykko trump.yashizweho.n.Imana kugira aburire abantu bihane murampaririza!ariko aranka arasambura union europeenne aho vyakabereye nikera baguma badurumbanya isi.ikintu cambere ikintu bita union euro na Onu bihindure uko bikora na cpi vyihuta bitabay uko 3em geure mondial ihera muri American.trump courage ntibakwimikwe mw.ivyo bintazi vyabo

  • uburundi burasuriye IMANA niyonkuru murekanye namwe ko nta demokrasi muzi mushigikira inyungu zanyu ko yatowe izuba riva mubabazwa niki nimureke atware yahawe nimana

  • Ntibitangaje Uburayi Bwakorana Na Obama Mugucanishamwo Abarundi Burahonvye Kuko Trumps Ntazovyemera

  • Kwanka itorwa rya Trump ni ugusuzugura isinzi ry’abanyagihugu ba Amerika bamuhunze amajwi. None ya demokarasi yob ihagaze he nimba hari abantu banka gushira aho intahe ishize? Ubwo rero abo banyaburaya baratubesha, bemera demokarasi iyo hatowe abo bagomba!

  • TRUMP NUMUGABO,KABISA,NABANZE.ABAJEGEZE

  • VIVAN NKURUNZIZA AVEC TLAMP BURAKEYETUBEMEZE BASINDUMUJA

  • Mubisanzwe abo banyaburaye bakwiy.gupfa bose hakaza abantu bashasha kuko akarenganyo kabarimwo karengeye igihano co mwisi bakwiye umuriro w.Imana kuko uravy ivyo bigira ninkabimwe vyi sodomu.eeeh mama ngo barek abantu bahuze ibitsina iyo ni democratie,iyo ni anti christ ubakoreramwo.ok trump komera

  • Ubu kw’Isi yose hariko haravurwa ibihungu bibiri nabakuru bibihugu babiri batsinze amatora izubaryaka maze abigira mujeri bakaja mwibarabara .
    Abonabo barikobaravurwa kw’Isi yose ni Nkurunziza Wuburundi yatsinze amatora maze abobagabo ba ONU bakamugirako amkenga ngokubera ntazoshigikira inyungu zuburaya.
    Umugabo wakabiri ni Trump atsinze amatora abobagabo ngobakorera ONU bakavugango ntazoshigikira inyungu za Bulaya.
    Jewe nkibaza, none nagira imbere yoguharanira inyungu zomurundirugo ubanza kwitunganya muruhirwawe?
    Abobagabo babiri Trumoa wa US na Nkurunziza mutabiyorohejeko mumenye komuzohangana n’Imana

  • ni ntambamyi gute ko yitorewe nabene gihugu kazotwara yubahiriza mategeko yigihugu ubumwe bwaburaya mwaratayumutwe nko kuvuga ngamahera abasoda buburundi ngamahera bagebwa ngo ntace mukigega careta aboba soda nabiwanyu cake mushaka kubanyaga uburundi ko bafitaniye amasezerano nareta yabo none mushaka kubateranya na reta reki vyobintu vyo forma imirwi irwanya reta ntaco bizomara nukuguma muturira uburundi two bamenyesha ko abo basoda nimwabaha ayo mahera ataciye mukigega ca reta ntibazogaruka muburundi muce mubaronderera amatongo iwanyu uwo nawe azoshaka kugaruka muburundi ayahembwe azi ko mukwinjira muburundi azoyazana ayo reta yategerezwa kuronka sa ya nkurunziza nayigihugu kuko twese aratugerako nabana bacu ba tanze amaraso na gira nsabe reta ihagabire ubumwe bwaburaya bushaka gucanishamwo abasirikare ngo haboneke abatera uburundi nanzi ko babigerageje bikabata kuwamazi barabesha bazinjira muburundi bayazanye reta niyo yabarunitse niyo ibahemba bihindutse naho amasezerano nahinduke

  • Ndizera kobazoganira bikagenda neza kuko umuti wibibazo,nibiganiro birama bazoganira kumpande zose baheze batorere hamwe umuti wibibazo vyabo.ikindi naco twotahura nuko no muri Amerika ari mw’isi kandi ntamahoro ari mw’isi.Amahoro atangwa n’Imana.

  • Ndizera kobazoganira bikagenda neza kuko umuti wibibazo,nibiganiro birama bazoganira kumpande zose baheze batorere hamwe umuti wibibazo vyabo.ikindi naco twotahura nuko no muri Amerika ari mw’isi kandi ntamahoro ari mw’isi.Amahoro atangwa n’Imana.

  • Ndizera kobazoganira bikagenda neza kuko umuti wibibazo,nibiganiro birama bazoganira kumpande zose baheze batorere hamwe umuti wibibazo vyabo.ikindi naco twotahura nuko no muri Amerika ari mw’isi kandi ntamahoro ari mw’isi.Amahoro atangwa n’Imana.

  • ESE KO AMELIKA ISOBANUKIW IVYA DEMOCRATIE IZO NDURU NIZIKI? NI BEMERE AHO INTAHE ISHIZE ,KDI BAREKE GUTOTEZA IBIHUGU VYO MURI AFRICA KKO NAVYO IMANA YABAHAYE UBWENGE BWO KUGANZA.

  • ESE KO AMELIKA ISOBANUKIW IVYA DEMOCRATIE IZO NDURU NIZIKI? NI BEMERE AHO INTAHE ISHIZE ,KDI BAREKE GUTOTEZA IBIHUGU VYO MURI AFRICA KKO NAVYO IMANA YABAHAYE UBWENGE BWO KUGANZA.

  • gouvernnemental d’amarique (AGS) ni solidalite negatifve president ntacahindura bitandukanye cane no muri Africa na cane cane muburundi no mukarere buherereyemwo president ahindutse ibintu vyose bica bihinduka nimigenderanire bafitaniye nindi ibihugu igahinduka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.