IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donad Trump na Hillary Cinton bahuriye ubwa mbere mu kiganiro

Donad Trump na Hillary Cinton bahuriye ubwa mbere mu kiganiro

mardi 27 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Donald Trump na Hilary Clinton, bompi bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, bahuriye ubwa mbere mu kiganiro cabahuje ku mbneshakure.

Muri ico kiganiro cabahuje ubwa mbere ku mboneshakure y’igihugu, Donald Trump yabajije uwo bahiganwa, Hillary Clinton, namba yoba afise utuguvu dukwiye.

Muvyo baganiriye, umwe wese yagerageje kwereka uwundi ko ariwe ashoboye kuyobora ico gihugu. Donald Trump yamenyesheje ko ariwe wenyene afise ubushobozi bwo gutsinda mu matora y’umukuru w’igihugu.

Inyuma y’ico kiganiro, abamenyeshamakuru bakurikiranye ico kiganiro bavuga ko ahubw ko Trump ariwe yaboneka nk’uwurushe, kandi yasa n’uwugerageza kwikura Hiary Clinton mu bibazo yamubaza, cane cane mu minota ya nyuma y’ico kiganiro camaze isaha imwe n’igice.

Hillary Clinton yagirije Donald Trump ko atariha amatagisi, nayo Trump akavuga ko ivyo bigaragaza ko aciye ubwenge.

Kuri ico kibazo c’uko yoba atariha amatagisi, Donald Trump yamenyesheje ko azoshira ahabona ivyerekana uko ariha ayo matagisi, ariko akazobikora mu gihe na Hillary Clinton nawe azoba yashize ahagaragara inzandiko zaciye kuri "Adresse" yiwe bwite ya "e-mail" yakoresheje mu kibanza c’iy’akazi, aho akaba ari igihe yari akiri umushikiranganji w’imigenderanire ya Reta zunze ubumwe za Amerika n’ayandi makungu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.