Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Donald TRUMP ashobora kutazokwemera ibizova mu matora
Yanditswe taliki ya 20-10-2016 - isaha 13:31' na IGIHE

Donald Trump asanzwe ariwe azoserukira umugambwe w’aba Republicains mu matora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yahakanye gutomora namba azokwemera ivyavuye mu matora, mu gihe yoramuka atsinzwe.

Mu kiganiro ca nyuma camuhuje n’uwuserukiye aba Democrate, Hillary Clinton, Donald Trump yasubiyemwo ivyo yama avuga vy’uko uburyo bwo gutora burimwo ubusuma. Yamenyesheje ko azobanza kurindira kugira abanze arabe ibiba, imbere y’ukwemeza canke guhakana ivyavuye mu matora.

Inyuma y’ukwumva ivyo, Hilary Clinton yavuze ko ari akamaramaza kubona uwo bahiganwa avuga ibintu nk’ivyo, amwagiriza kuba ariko aratukisha demokarasi ya Amerika, nk’uko tubikesha BBC.

Hilary Clinton yagirije Donald Trump kuba ari igikinisho c’umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladmir Putin.

Donald Trump nawe akaba yagiriza Hilary Clinton kuba ariwe yateje akaguma mu kwiyamamaza kwiwe.

Ivyiyumviro vyanyu

mwavugako america aragakomeye none naho birmeze uko ??? bwabundi ntakigenda muri kabandi hageze mumatora ntahobidacika kandi urupfu nimpfane bitajana

20.10.2016 à 17:50
nyandwi

Urevye nyene ukuntu itangazamakuru ritangatanga uwomutama Trump ntiyobora kugira amakenga, mengo nicagihe abamenyeshamakuru bongaha Burundi baribiteguriye itembagazwa ryubutegetsi bwa Nkurunziza .

20.10.2016 à 17:18
Hutsi

Hahahahahhh !!!!ewe usa urahumba uraba mateka ngivyo nimwiyunvire twavuga ngu rwanda nigoruduhungabaniriza umutekano ngo shwii naw clintobn ngo Trump ngo nigikoresho ca Nyakubahwa umubyeyi wa Africa Putin niyirambire aho bukera amarica turayikanjakanja kurya kurutore ntakabuza mubitege amaso.

20.10.2016 à 16:20
Karorero

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.