Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald Trump na Emmanuel Macron baritaba ubwa mbere inama ya (...)
Donald Trump na Emmanuel Macron baritaba ubwa mbere inama ya G7
vendredi 26 Rusama 2017, par
Iyo nama izakubera i Sicily mu gihugu c’Ubutariyano, ikaba ibaye iya mbere y’uwo muryango wa G7 yitabwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump wa Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe na Emmanuel Macron w’Ubufaransa.
Donald Trump yitaba iyo nama inyuma y’ingendo yari amazemwo iminsi hanze y’igihugu arongoye, bompi na Emmanuel Macron bakaba bari bahuriye mu nama ya Otan, bikaba bitegekanijwe bavayo baja mu Butariyano muya G7 nayo.

Muri iyo nama izomara imisi ibiri, abo bakuru b’ibihugu muvyo bazakwigira hamwe, hakaba harimwo ugutsimbataza umutekano mu kugwanya iterabwoba ryugarije ivyo bihugu, inyuma y’aho muri iyi ndwi turimwo, mu gisagara ca Manchester mu gihugu c’Ubwongereza, habaye igitero c’abihevyi cahitanye abantu bagera kuri 22.

Vianney BIKORIMANA