IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > EALA yizeye ko abashingamateka baserukira Uburundi bazokwisubirako ku (...)

EALA yizeye ko abashingamateka baserukira Uburundi bazokwisubirako ku ngingo bafashe

vendredi 3 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) yizeye ko abo bashingamateka b’Abarundi bashobora gusubiramwo ingingo bafashe, bakitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka igiye kubera i Kigali mu gihugu c’Urwanda.

JPEG - 60.1 ko
Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA)

Abashingamateka 5 kuri 9 baserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko baheruka kubwira uwo atwara iyo nama ko batazokwitaba ibikorwa vyayo bitegekanijwe kubera mu Rwanda kuva kw’igenekerezo rya 6 Ntwarante 2017. Abo bashingamateka bavuga ko umutekano wabo utoba wubahirijwe kubera imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda itifashe neza.

Abo bashingamateka batanu bose ni abo mu mugambwe CNDD FDD. Abo nabo ni : Emerence Bucumi atwara umurwi w’abashingamateka b’Abarundi muri Afrika y’ubuseruko, Leonce Ndarubagiye, Emmanuel Nengo, Ndahayo Isabelle hamwe na Muhirwa Jean Marie aheruka kuja gusubirira umupfasoni Afsa Mossi yiciwe i Bujumbura mu mwaka uheze.

Umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA), Daniel Fred Kidega, yamenyesheje kandi ko iyo nama nshingamateka itegekanya kurungika umurwi w’abashingamateka bazokwiga ku ngingo Uburundi bwafashe y’ukwugara imbibe zihuza Uburundi n’Urwanda mu bijanye n’uguhanahana ibidandazwa.

Iyo ngingo yafashwe mu mwaka uheze, itewe n’imigenderanire itari yifashe neza hagati y’ivyo bihugu vyompi.

Daniel Fred Kidega yabishikirije kuri uwu wa kane, igihe yashika mu Rwanda mu myiteguro y’inama igiye guhuza abashingamateka bose ba Afrika y’ubuseruko.

Ibikorwa vy’iyo nama nshingamateka ya EALA bigiye kumara indwi zibiri mu Rwanda, kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 6 Ntwarante 2017, mu gisagara ca Kigali.


IGIHE

Messages

  • Ariko ubundi bazarorere kuza Kigali ubundi bazaga kuduhingira? Abategetsi babarundi bamunzwe nkamacakubiri ntabo bazagume iwabo nubundi nta bitekerezo bizima bari bazanye I kgli mu mujyi utoshye. Naho ubundi ibyo gufunga umupaka ngo ibiribwa bitinjira nta ngaruka na nkeya byateje u Rwanda. Abarundi bageze aho gufashwa nabashinwa kubiribwa nibajyane ibyabo.

  • Hewe wiyise Proud to be rwandan@,

    amenyo aragutwenga arayawe, mbega uri raba ukaraba nuwo mu presida wanyu ameze nkuwuriko aramunrwa, nkuwurwaye igituntu kubera kubura appetit, ukabona
    ko wovuga Abarundi wewe? Tangura uronke ibiribwa imbere yokuvuga abandi!!!

  • wowe rasmus uri AMAZIRANTOKE

  • ntibakatuzire mu gihugu,izo njavyi za Nkurumbi. ubundi baza ngo batumarire iki?

  • @Rasmus mperuka muburundi mugira icyo mwita indero , ariko mwarayitaye kabisa. None se ndabeshya ejobundi chine ntiyabagobotse ikabaha amatoni yimiceri Leta yanyu ntiyiyemerera Ko inzara yabazonze? Twe ntitureba abatukanira hirya yakanyaru twe tureba icyo Perezida wacu atugejejeho. Muzagume murayo macakubiri nababwiri iki. Ariko ubundi mbabaze iyo ukeneye amaraso cg impyiko kwa muganga ubanza kubaza niba ariyumututsi cg umuhutu mu maraso hari icyuma gipima amaraso yabahutu nabatutsi. Kera nakuze nigishwa Ko gutuka umuntu mukuru atari ikinyabupfura cg ibyo mwita indero. Mukore mureke kwirirwa mukorongana muri mu macakubiri. Uburundi harubwo muvuga igihutu cg igitutsi? Simperuka muvuga ikirundi?

  • @Proud to be rwandan
    Urwanda rufashwa gushika kuri 40% ya budget y’igihugu. Wari ubizi ga wa kitazi we?
    Hanyuma ubutare bw’abanyekongo bugaca i Kigali mu kudandazwa kukubera ubujura bw’abaturarwanda!

  • umuntu uvuganabiuRwanda.nindentabwoyuzu.

  • Wewe Rasmus, kazima prezida wu Rwanda atubika uwavubi abaturagi bagafungura!

  • Izombundege zoja gukoriki ahari abandi banyacubahiro! Bazokwitaba inama ya FDLR mu mashamba ya Congo bategure kumara abantu kuko nivyo bashoboye!!! Na Sebuja ubona ataguma mu kinyegero yiba nk’isiha!!! Abobakungu nibagumane na Sebuja imbonerakure zizobaha uwomutekano barondera!! Izo mbunuza ziratey isoni!!!!

  • @Mob, uwubwiye kwari amazirantoki wewe ukuba iki?

  • @Rasmus!mbe wa gisuma we uratinyuka ukavuga Nyakubahwa President w’u Rwanda gurtyo ntasoni?uzokibtwa n’inkuba itagira amazi,ayo n’amashari ko u Rwanda rwadusize,gumana ayo matiku ngaha mu Burundi,uzopfa wangara nka Gahini

  • Ariko ubundi u Burundi bwavuye muri E Africa,ntacyo bamaze babanze bacyemure ibibazo hyabo nihazajyaho let’s yemewe nabaturage bazabone kugaruka cg baduhe uburenganzire tugende tubamese umugani wabo umwanda I’ve munzira.mbabwije ukuri bimaze kungera ahantu.uburundi bumeze nku Rwanda my 1994/aka umusada nzobafasha guhirika iyo leta kandi mwihangane birihafi from Ruyigi,nyabitsinda

  • Nukurinibarabebitabeinamakukokananirabagabontiyimye.kanditwebweabanyagihuguicodukeneyenamahoronibarabererobugureimipakabazoba,bakozekukoivyodupfabirutaivyodupfana.ndazikoimpandezosezitorohewehagatiyugwandanuburundi oke

  • Ntimukarote Muja Mugihugu Giha Indaro Abatembagaza Ubutegetsi. Barabanza Baturungikire Abatumye Ivyacu Bisanzara,

  • EMWE BASHAKA BOGENDA KUKO UWAYAMEREYE RUBANDA NTAYAMUSIGANA ! NI BAGENDE KOKO MWOSANGA TWUNGUTSE!

  • abo batangaje ko batazitaba nuko nyene ntibazita kuko bibeshe bakitaba bazibonerako. nkuwambere. nkurumbi arabereka. nibakora ivyoya bababujije

  • @rasmus mperuka mu kirundi mugira indero ariko nayo ndabona mutarayimesa hhhhhhhh Perezida Kagame tuzi aho yatuvanye naho yatugejeje mwebwe mwikanwe namacakubiri yabarenze ariko nkwibarize: Ubu urwaye kuburyo ukenera amaraso cg impyiko wabanza ukabaza ngo basuzume niba ayo maraso cg impyiko ari iby umututsi cg umuhutu? Muve mumoko mukore musukure uwo mujyi wanyu kdi mugabanye kunywa za byeri mudakora . Uzasure u Rwanda urebe Ko ubona umuporisi cg umusirikare kumuhanda anywa itabi cg inzoga.

  • Abarundi baramunzwe n’amacakubiri kandi nta nubwo babona ingaruka zayo, naho abo ba depute nibashaka bazogume iwabo inama izoba. Liberat MFUMUKEKO NTABWO ARI UMURUNDI UYOBORA EAC??? UBU NTIYIBEREYE HANO MU NAMA KIGALI NAMWE MURI MU BIGAMBO GUSA, we ko mutamubujije, ivyo mukora biteye isoni ku gihungu c’U Burundi.

  • Mob@ Proud
    Muve kunjiji twikorere ibiduteza imbere. Abo ba depute ubundi bari kuza bazanye iki ko ntacyo bagira.

  • @Copy
    Reka abarundi bagume mu mwanda wa moko kuko ntakindi bashoboye. Abo ba deputes se ubundi bari bazanye iki ko ntacyo bibitseho. Ubuse eac secretary general ko ahari yabaye iki?

  • abo ba deputes bu Burundi bataje munama wenda basize bahekuye u Rwanda muri genocide ya 1994,batinyeko twabacakira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.