Econet Leo yatanguje inyigisho mu buhinga bwayo bwiswe BIRAMARA

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 8 mai 2018 saa 12:03
8085
0 0

Ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet Leo ryatanguje inyigisho ku rwaruka rwababa 40 mu bijanye n’ubuhinga bwiswe BIRAMARA. Umuyobozi ajejwe ubudandaji muri Econet Leo, yamenyesheje abagiye gukurikirana inyigisho, ko kazoza k’Uburundi kari mu minwe yabo, biciye mu nyigisho bazoronka.

Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe Econet Leo, Isaiah Nyangari, yavuze ko abo bagiye guhabwa inyigisho ari aba mbere, kandi bashobora gufasha igihugu c’Uburundi gutera imbere, kuko Uburundi bukeneye abantu bafise ubumenyi bukwiye.

Ati :« Nimwe mufise mu minwe impinduka z’igihugu. Uburundi kugira butere imbere bukeneye abantu bize kandi bakora bisunze amategeko, ni naco gituma twabahamagaye kugira tubahe izi nyigisho. »

JPEG - 60.2 ko
Isaiah Nyangari, umuyobozi w’ubudandaji muri Econet Leo

Umuyobozi w’Ubudandaji mw’ishirahamwe Econet Leo, Isaiah Nyangari, yahamagariye urwo rwaruka, kuja mu bagenzi babo bakabahimiriza gukoresha imashini nyabwonko, no gukoresha ubuhinga bwa BIRAMARA.

Aimé Florian NGABONZIZA akora mw’ishirahamwe Econet Leo amenyesha ko, BIRAMARA ari ihuriro ry’urwaruka ikaba n’ingendo nshasha y’ishirahamwe Econet Leo, ifasha urwaruka kwiyigisha no kwigisha abandi.

JPEG - 54.4 ko
Aimé Florian NGABONZIZA, umukozi wa Econet Leo

Avuga ko BIRAMARA ije gufasha urwaruka mu kubaha ubumenyi buzobafasha kwironderera akazi, kuko inyuma y’izo nyigisho, bazosohoka bafise urugero rwiza rwo gukoresha ubuhinga bwa none, kandi n’impapuro bazohabwa zemewe mu bushikiranganji bw’indero.

Ku ruhande rwiwe, ARAKAZA Emery, umwe mu bariko baronswa izo nyigisho, avuga ko yavyakiriye neza, kuko afatiye ku gihe tugezemwo, bisaba ko umuntu ajana n’ibihe na cane cane gukoresha ubuhinga bwa none n’imashini nyabwonko.

JPEG - 55.4 ko
ARAKAZA Emery, umwe mu bariko baronka inyigisho ku buhinga BIRAMARA

Ahamagarira urundi rwaruka kugerageza kujana n’abandi mw’iterambere, rishingiye ku buhinga bwa none, kuko ari naho amakuru menshi aca muri ibi bihe.

Mwomenya ko kwiyandikisha mu nyigisho za BIRAMARA, bisaba ko uba ufise imyaka iri hagati ya 16 na 30, ugashikiriza ibisabwa mw’ishirahamwe Econet Leo, ariko kandi amahirwe yo gutorwa ashobora kwongerekana mu gihe ukoresha kenshi agaseke BIRAMARA, mu gufyonda *404#.


Kumenyekanisha

1
Wilgain KABURA 26-08-2018 à 09:00

Turabakengurukie Cane Abayobozi Ba Econet Leo Nacane Cane Uwujejw Igisata C’ubudandaji Kuba Mwatwiyumviriyeko Twebw Ugwaruka Muzotugume Hafi Murakoze Inyigisho Zakabiri Zizotangura Ryari ?

2
NIYITEREKA Desire 10-05-2018 à 08:53

Uwomugambi wokwigish urwaruk nimwiza cane.
Ahubwo nabasabak arinibikunda natwe mwotwakira muriyonyigisho.

3
Léonidas NYAMIBARA 9-05-2018 à 10:20

Nivyiza, ntworeka gushima uwo mugambi uzodufasha twebwe Ugwaruka, kumenya gukoresha immashini nyabwonko no kujana nibihe. Nsanzwe niyumvira cane gukoresha iyo mashine, mwompa ibisabwa ngo nanje ndonke amahirwe yo kumenya kuyikoresha ? Murakoze.

4
J DE DIEU Sinamenye 8-05-2018 à 19:49

Turasavy Mutubwir Bisaba Kuba Warahejej Amashur Uwuj Yokwitwaza Iki ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha