Econet Leo yatanze imifuko ijana y’isima yo gufasha kwubaka ikibuga c’i Muramvya

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 avril 2018 saa 03:47
16185
0 0

Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet Leo ryifadikanije n’abanyagihugu bo mu ntara ya Muramvya mu bikorwa rusangi vyo kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2018, aho ryagiye rijanye imifuko 100 y’isima yo gufasha mu kwubaka ikibuga c’inkino c’iyi ntara. Uwaserukiye ishirahamwe Econet Leo yavuze ko bishikiye mu bikorwa vy’iterambere rusangi mu ntara ya Muravya, kuko Econet Leo imaze gutahura ko iterambere ari ikintu ntasubirizwa mu buzima bw’abanyagihugu.

Ibikorwa vy’iterambere rusangi ku kibuga citiriwe Ubwami c’I Muramvya, vyitabwe n’abakozi b’ishirahamwe Econet Leo, vyari vyitabwe n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, abashingamate batowe muri iyo ntara, uwahora ari umushikiranganji w’ibidukikije yavuka muri iyo ntara, abanyagihugu hamwe n’abakozi b’ishirahamwe Econet Leo.

Yaba musitanteri wa komine Muramvya canke umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Muramvya, bashimiye ishirahamwe Econet Leo ku ntererano y’imifuko 100 y’isima yatanze, kuko yatumye ibikorwa bigenda neza kuri ico kibuga.

Vy’umwihariko, umuhanuzi mukuru wa buramatari Ali Kassim, yasavye ishirahamwe Econet Leo ko hamwe umwimbu ugenze neza ryobandanya ribashigikira,kuko aho mu ntara ya Muramvya basazwe bakoresha na terefone ngendanwa za Econet Leo ku rugero rushimishije.

Ku ruhande rwiwe BUKENE Célestin yaserukiye ishirahamwe Econet Leo, yavuze ko ari umunezero kuba bashitse kwifatanya n’abanyamuramvya mu bikorwa vy’iterambere, aca asigura aho igikorwa cakozwe gitandukaniye n’urudandazwa, kuko Econet Leo yatahuye ko ata terambere rishoboka abanyagihugu batarimwo.

Ati : « Ni umunezero kuba twaje hano i Muramvya kwifatanya namwe mu bikorwa vy’iterambere. Ntitwaje kudandaza, ariko twaje kubafasha mw’iterambere. Agakemanyi twazanye nimwe mwakihaye kuko muterefona. »

Nk’uko yabisabwe n’umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Muramvya, BUKENE Célestin yaserukiye ishirahamwe Econet Leo, yemeye ko umwaka wa 2018 utarahera, bazosubira muri iyo ntara kuhakorera ibikorwa vy’iterambere rusangi.

BUKENE Célestin yasavye abanyamuramvya kubandanya bakoresha umuhora wa Econet Leo, kugira nabo babandanye baza kubashigikira.

Ishirahamwe Econet Leo riramaze guterera mu zindi ntara mu bikorwa vy’iterambere, nko mu ntara ya Bujumbura, mu Cibitoke, I Bubanza, mu Rumonge n’I Makamba.


Kumenyekanisha

1
laurent Nimbona 23-04-2018 à 21:20

Ndanezerew econet leo nimwirambire natwe abanyamuramvya bahohora badutwenga imani serieux nakare nintara ifise kahise gakomey mugihugu,nomumakungu ahubwo mugire nubushakashatsi murabe kwatavyabazung bataye twiterere imbere MURAMVYA OYeeee

2
ferdinand ndayishimiye 22-04-2018 à 13:29

nukuri ndabakeje ibikorwa rusangi mukora Imana bajimbere

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha