Accueil > Amakuru > u Burundi > Ekereziya Gatorika y’Uburundi yumvikanye ku ntererano y’amatora (...)
Ekereziya Gatorika y’Uburundi yumvikanye ku ntererano y’amatora yatanze
vendredi 4 Rusama 2018, par
Nk’uko ayo makuru dufise abimenyesha, Abungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi barakoranye, bafata ingingo ko Diyoseze yose, uko ari umunani ziri mu Burundi, ko yotanga umuriyoni umwe w’amarundi, yose hamwe akaba imiriyoni umunani.
Inama nkuru y’Abepisikopi ba Ekereziya Gaturika mu Burundi yaheruka kubwira abajejwe kwegeranya intererano y’amatora yo mu mwaka w’2020 ko iyo ntererano idasabwa ba Patiri Mukuru canke abandi bose bajejwe gutunganya ivy’ubutumwa bwa Ekereziya Gaturika mu nzego zayo zose mu gihugu cose. Abatoza iyo ntererano bamenyeshejwe ko uwubazwa vyose muri Ekereziya, n’iyo ntererano irimwo, ari Umwepiskopi, kuko Patiri Mukuru canke uwundi wese aba ahabereye uwo Mwungere nyene.
Kubwa Ekereziya Gaturika, ntivyari bikwiye kandi ko abantu baterera batazi amafaranga akenewe ingene angana, ayamaze kuboneka, hamwe n’ayasigaye.
Inama nkuru y’Abepisikopi b’Uburundi ivuga ko yabonye ko mu batererejwe harimwo amashengero.
Mw’itangazo riheruka gusomwa na Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umwepisikopi wa Diyoseze ya Muyinga, akaba n’umukuru w’inama y’abepisikopi b’Uburundi, Ekereziya Gaturika y’Uburundi yabanje kumenyesha ko intererano yayo nkuru mu gihugu atari iy’amafaranga, mugabo ari iyo kwubaka imitima, n’ukuremesha amahoro n’umwimvikano, hamwe n’iyo gufasha kugira umuntu wese yubahirizwe mw’iteka ryiwe yiherewe n’Imana.
Ku vyerekeye intererano y’amafaranga iriko irasabwa bose harimwo n’amashengero, Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE yamenyesheje ko ari ngombwa ko abantu bose bamenya ko intererano y’amafaranga iyariyo yose isabwa Ekereziya Gaturika ata handi yosabwa atari muri Diyoseze, kuko ariho hari uwuyiserukira imbere y’amategeko ariwe Mwepiskopi.
Mw’itunganwa rya Ekereziya Gaturika mu Burundi, hari ibigo vyinshi bikukira Ekereziya Gaturika, amaparuwasi, ibigo vy’abihebeye Imana, amashure, amarerero y’impfuvyi n’abagendana ubumuga canke abageze muza bukuru. Inama nkuru y’abepisikopi ivuga ko muri ico gihe igisata cose kitoheza ngo gisabwe intererano, ahubwo ko haterera gusa Diyoseze ivyo bisata vyegukira, naho nyene abagize inama nkuru y’abepisikopi bakazobanza gukorana kugira bahurize ku gitigiri c’intererano yotangwa na Diyozese imwe yose mu zigize igihugu c’Uburundi.
Musenyeri NTAHONDEREYE yasavye ati : "Turasavye ko atawoza kugora izindi nzego n’ibigo bitandukanye vyegukiye Ekereziya Gaturika."
Ekereziya Gaturika y’Uburundi imenyesha ariko ko idashimishwa n’abahohoterwa bazira ko batatanze intererano, bagasaba ko ababijejwe bobanza gutomora uburyo bw’amafaranga bukenewe mu matora, kugira umwe wese aterere uko ashoboye mu buryo bwiwe.
Egide NDUWIMANA
Messages
4 Rusama 2018, 19:39, par ciza
ni vyiza
5 Rusama 2018, 09:04, par ciza
Ariko bamenye ko bajejwe imitima yabakirisu kandi umukirisu wa kera siwe wubu, none baravyiyobagiza barzi ivyo Ntamwana yagize umwaka uraho i Murayi yarabonye ko ata numwe yamushigikiye.
5 Rusama 2018, 12:04, par Pasco
Nibatange Kuk Ava Muri Twebwe Abakristu.Kubwivye Ikereziya Yuburundi Ntikwiy Kubaza Amahera Yamatora Uko Angana Kko Nayone Ntivuga Amahera Yishkanwa Cank Yimperezwa Aronka Kumusi Cank Kwiyinga,kukwezi Eka Habenamba Kumwaka.Ahubwo Batanze Namake,barigutanga Nk 16 Million.
7 Rusama 2018, 06:49, par Onesphore Nshemezimana
Imana ibahezagire ku gikorwa ciza bakoze!!!
7 Rusama 2018, 15:00, par manirambona nestor
Birantangaje, mugabo ngira base kwerekana ko naho hari ivyo banegura Leta atari ukuyigarariza. Canke ni ukwiyorobeka?
8 Rusama 2018, 12:44, par EVALISTE
yemwe barundi ikiguzi cy’umutekano ntaho mwagikura kiriziya yakoze igikorwa cyiza mukwiye gushimira nkurunziza watumye mubona amahoro kugeza none iyaba intambara yarakomeje haba hamaze gupfa benshi nimureke abayobore murebe ko igihugu cyanyu kitamera neza ariko uzashaka kumukura ku butegetsi niwe azohura n’ingorane twe twifitiye kagame wacun’umutekano murebe kure cyane ibyo bintu bya demukarasi mushaka aruko hamenetse amaraso sibyiza nimwanga muzabona ingaruka zabyo.
9 Rusama 2018, 02:30, par Gérard
Ekleziya ni muvyeyi Irafasha naho bayifashe nabi umuvyeyi aguma ari umuvyeyi
10 Rusama 2018, 21:32, par JEAN LU
NUKURI NDASIMIYE CANE EKEREZI KATOLIQUE KURIYO NTERERANO YATANZE.
14 Rusama 2018, 21:11, par Pasco
Batanze Make.Kuko Paroisse Ninyinsh Usanga Zigize Diocese.Kand Natw Aba Christu Dutanga Menshi Kira Wamungu!Yobatanga 2milio Kuri Diocese.
17 Rusama 2018, 21:06, par Bobar
Amahera nibayarondere hiyo nyene niho asigaye! kw’amakungu yakuyemwo akarenge.