IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Emmanuel MACRON aragena umushikiranganji wa mbere

Emmanuel MACRON aragena umushikiranganji wa mbere

lundi 15 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Emmanuel Macron, inyuma y’ukwimikwa kuri uwu w"imana, yiteze kugena umushikiranganji wa mbere mu gatondo ku wa mbere, imbere y’uko agenda mu gihugu c’ubudagi kubonana na mugenzi we w’Ubudagi, Angella Markel.

Mu mpera z’iyi ndwi, umushingamateka Edouard Philippe yegereye cane Alain Jupin niwe yavugwa cane ko ashobora gutorwa muri ayo mabanga.

Igenwa ry’umushikiranganji wa mbere ariwe ajejwe gushinga Reta mu masaha atarenga 24, ni igikorwa kitazakworohera na gato umukuru w’igihugu Macron mu kwumvisha abantu imigambi yiwe hamwe no kwitegurira gutahukana intsinzi mu matora y’abashingamateka n’ay’abakenguzamateka ategekanijwe kw’igenekerezo rya 11 na 18 Ruheshi.

Angella Markel yigeze kwakira umukuru w’igihugu Macron aciyamamaza, ategekanya kandi kubonana nawe kuri uwu wa mbere igihe c’isaha cumi n’imwe n’imonota mirongo itatu, imbere yo gutanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.