Espagne : Abantu 13 bapfuye, 50 bakomerekera mu gitero c’imodoka

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 18 Myandagaro 2017 saa 08:50
Yasomwe : 2997
0 0

Abantu 13 nibo bapfuye abandi 50 barakomereka igihe umuntu yariko atwara imodoka yagonze n’ibigirankana abantu mu gisagara ca Barcelona mu gace kitwa Las Ramblas hakunda kuba hari ba mukerarugendo.

Amakuru dukesha iradiyo y’abngereza BBC, amenyesha ko uwariko atwara iyo modoka yaburiwe irengero bikavugwako yoba yagiye n’amaguru mu gutoroka.

Igiporisi kimenyesha ko ibikorwa vyo kurondera uwagavye ico gitero gifatwa nk’iterabwoba ko biza vyatanguye,abantu babiri bamaze gufatwa bikekwa kugira ico gitero.

Umwe mubafashwe ava mu gihugu ca Espagne nyene aho habereye ico gitero,uwundi ava mu gihugu ca Maroc mu gice gihana urubibe n’igihugu ca Espagne.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha