Incamake

Espagne : Abashigikiye ukwikukira kwa Catalogne batsinze amatora

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 22 décembre 2017 saa 04:51
12315
0 0

Imigambwe ishigikiye ukwikukira kw’intara ya Catalogne yo mu gihugu ca Espagne yatahukanye intsinzi mu matora yabaye kur’uyu wa kane, igenekerezo rya 21 Kigarama 2017.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko, naho igikorwa co guharura amajwi kitarahera, vyamaze kuboneka ko imigambwe igomba ukwikukira kwa Catalogne ariyo iza imbere n’aho yatakaje intebe mu nama nshingamateka.

Naho ku ruhande rumwe ari umunezero, ku rundi ruhande rw’umushikiranganji wa mbere wa Espagne Mariano Rajoy ni umubabaro, kuko ariwe yabaye mu ba mbere bahakana ubwigenge bwa Catalogne, aba ari nawe atumako ayo matora.

Ari mu buhungiro i Bruxelles, Carles Puigdemont yahora arongoye intara ya Catalogne,yashimye ivyavuye mu matora, avuga ko ari intsinzi y’intwaro rusangi, kandi ko atawushobora guhakana ivyayavuyemwo.

Naho ayo matora yabaye, hari ikibazo co kumemya nimba ivyayavuyemwo bishobora gutorera inyishu, amatati ari hagati y’igihugu ca Espagne n’intara ya Catalogne.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha