Espagne : Abashikiranganji 8 b’intara ya Catalogne bapfuzwe vy’agateganyo

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 3 Munyonyo 2017 saa 11:34
Yasomwe : 1008
0 0

Ubutungane bwa Espagne bwapfunze vy’agateganyo abashikiranganji 8 kuri 14 bahora bagize Reta y’intara ya Catalogne, bagirizwa kugumura abanyagihugu.

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 02 za Munyonyo, abashikiranganji 14 bari bahamagajwe kwitaba ubutungane bw’i Madrid kugira bisigure ku birego bagirizwa vyo kugumuka, mu gihe intara ya Catalogne yasaba ukwikukira mbere bakanashikiriza ko bikukiye kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu. Bakaba bagirizwa kandi n’icaha co kunyotora itunga ry’igihugu.

Muri abo cumi na bane, abagera kuri munani bakaba bapfunzwe vy’agateganyo.

Kubw’umushingwamanza w’abo bashikiranganji, Andreu Van den Eynde, ingingo yafashwe yo kubashira mu munyororo iranyuranye n’amategeko. Amenyesha ko kubona babashize mu munyororo ari igihano kinini, agasaba ko bopfuma babaka ibipapuro vy’inzira, ku buryo batorenga imbibe z’igihugu bakitaba ubutungane bidegemvya.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha