IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Espagne : Reta yanse kuganira n’abarongoye Catalogne

Espagne : Reta yanse kuganira n’abarongoye Catalogne

jeudi 5 Gitugutu 2017

Amakuru ava mu biro vy’umushikiranganji wa mbere wa Espagne Mariano Rajoy amenyesha ko Reta ya Madrid itazokwigera igiranira ibiganiro n’abajejwe intwaro muri Catalogne gushika uwutwara iyo ntara ahevye umugambi utemewe n’amategeko wo gusaba ubwigenge bwa Catalogne.

Reta ya Catalogne yatangaje ko hagiye kuba inama izohuza abashingamateka ku vyerekeye ivyavuye mu matora yatunganijwe ku musi w’Imana naho ivyayavuyemwo bitarashobora kumenyekana.

Ayo matora yatumye abanyagihugu batumvikana naho bivugwa ko icipfuzo co gushigikira icipfuzo co kwikukira cashigikiwe gushika ku bice 90 kw’ijana.

Tubibutse ko Puigdemont atigeze atanga insiguro ko bagiye gutangaza kwikukira.

Izo ndyane za poritike zo muri Catalogne zatumye isoko yo muri Espagne isubira inyuma ku rugero rwo hejuru mu mezi 15 aheze.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.