Espagne: Reta yasavye imbabazi abanyagihugu bo muri Catalogne

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 7 Gitugutu 2017 saa 10:46
10125
0 0

Reta y’igihugu ca Espagne yasavye imbabazi abanyagihugu bo mu karere ka Catalogne karik gasaba ukwikukira,inyuma y’aho bamwe mu banyagihugu b’ako karere bakomerekejwe n’igiporisi ku munsi w’amatora.

Abashikiranganji babiri harimwo umushikiranganji wa Espagne ajejwe indero bavuze ko Iñigo Méndez de Vigo vacuze ko batewe impungenge n’ivyabaye umunsi w’amatora yo gusaba ukwikukira kw’intara ya Catalogne.

Ku rundi ruhande,uwundi mushikiranganji yasavye ko hotunganywa ayandi matora muri Catalogne mu ntumbero yo kuvura igisebe abo muri ako karere batewe n’ivyabaye kuw’Imana igenekerezo rya 1 Gitugutu 2017.

Umukuru w’inama nshingamateka mu karere ka Catalogne yahamagaye abashingamateka kuwa kabiri igenekerezo rya 10 Gitugutu 2017, hakaba hatanguye kwibazwa ko azoca amenyesha k’umugaragaro ukwikukira kw’intara ya Catalogne.

Ibikorwa vyo kurondera ukwikukira kwa Catalogne vyamaze kugira ingaruka kuko amabanki abiri akomeye yamaze kwimura ivyicaro vyayo bikuru abivana mu karere ka Catalogne.
Uwuserukira ikigega mpuzamakungu FMI muri Espagne yavuze ko bishobora kugira n’ingaruka mbi ku banyamitahe bazana imitahe mu karere ka Catalogne.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha