Accueil > Amakuru > Mu makungu > Espagne : Reta yatanguye kugenzura intara ya Catalogne
Espagne : Reta yatanguye kugenzura intara ya Catalogne
lundi 30 octobre 2017
Inyuma yo guhagarika Reta y’intara ya Catalogne n’ina nshingamateka yayo, Carles Puigdemont yahora arongoye intara ya Catalogne yasavye abanyagihugu kugira imyiyerekano mu mutekano,biyamiriza ingingo ya Reta ya Espagne.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC ,amenyesha ko mu kwishura akamo batewe n’uwahora atwara intara ya Catalogne, amwe mu mashirahamwe y’abakozi n’abanyeshuri yavuze ko ashobora kugira imyiyerekano.
Haracari amakenga kuri kazoza k’intara ya Catalogne kuko gushika ubu bitaraboneka neza uko iyo ntara izokora mu minsi iri imbere.
Mu kurindira ko bamenya uko bifata, abanyagihugu b’intara ya Catalogne barindiriye barabe nimba Carles Puigdemont atonda ku mirimo, naho yari yatewe ubwoba ko mu gihe yotonda ku mirimo ashobora guca ahagarikwa.
Carles Puigdemont yaheruka gutumako amatora y’abanyagihugu bose , Reta ya Espagne yavuze ko ayo matora atari akurikije amategeko.
MUGISHA Van Naris