Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Espagne : Reta yatanguye kugenzura intara ya Catalogne - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Espagne : Reta yatanguye kugenzura intara ya Catalogne

Espagne : Reta yatanguye kugenzura intara ya Catalogne

lundi 30 octobre 2017

Inyuma yo guhagarika Reta y’intara ya Catalogne n’ina nshingamateka yayo, Carles Puigdemont yahora arongoye intara ya Catalogne yasavye abanyagihugu kugira imyiyerekano mu mutekano,biyamiriza ingingo ya Reta ya Espagne.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC ,amenyesha ko mu kwishura akamo batewe n’uwahora atwara intara ya Catalogne, amwe mu mashirahamwe y’abakozi n’abanyeshuri yavuze ko ashobora kugira imyiyerekano.

Haracari amakenga kuri kazoza k’intara ya Catalogne kuko gushika ubu bitaraboneka neza uko iyo ntara izokora mu minsi iri imbere.

Mu kurindira ko bamenya uko bifata, abanyagihugu b’intara ya Catalogne barindiriye barabe nimba Carles Puigdemont atonda ku mirimo, naho yari yatewe ubwoba ko mu gihe yotonda ku mirimo ashobora guca ahagarikwa.

Carles Puigdemont yaheruka gutumako amatora y’abanyagihugu bose , Reta ya Espagne yavuze ko ayo matora atari akurikije amategeko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.