Espagne : Umukuru wa Catalogne yasinye itegeko ryo kwigenga

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 11 Gitugutu 2017 saa 08:48
Yasomwe : 10998
0 0

Umukuru wa Catalogne Carles Pugdemont yashize umukono ku ngingo iha uburenganzira Catalogne kuba igihugu cigenga ariko akaba yabaye arabangira mu kugiranira ibiganiro na Espagne ku vyerekeye ukwigenga kwabo.

Amakuru amenyesha ko gushika ubu bitaramenyekana ko iyo ngingo yashizeko umukono yemewe n’amategeko, kuko amatora y’akamarampaka yabaye mu misi 9 iheze yo yari yisunze amategeko ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, mu gihe ukwigenga kwa Catalogne gutegerezwa kwemezwa n’inama nshingamateka yako gace.

JPEG - 63.5 ko
Carles Pugdemont, Umukuru wa Catalogne

Tubibutseko umukuru wa Catalogne, Puigdemont, yaheruka kumenyesha inama nshingamateka ko Catalogne yaronse uburenganzira kugira ishobore kwigenga nk’igihugu ariko Reta ya Espagne yari yavuze ko ko itazokwemera ko ako gace kigenga.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha