IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > FENADEB : Ikiringo ntarengwa co gukura abana mw’ibarabara cokwongerezwa

FENADEB : Ikiringo ntarengwa co gukura abana mw’ibarabara cokwongerezwa

jeudi 21 décembre 2017

Nk’uko vyashikirijwe na Jacques NSHIMIRIMANA arongoye FENADEB mu nama yo kwihweza uko abana bo mw’ibarabara bitaweho, isango ntarengwa umukuru w’igihugu yatanze riri hafi cane.

Jacques NSHIMIRIMANA asaba ahubwo ko ico kiringo cokwongerezwa. avuga ati :« Hasigaye iminsi icumi gusa kugira ikiringo umukuru w’igihugu yatanze kirangire.Ku bwacu tubona ko hatari bwagere.Turashigikiye cane umugambi wo gukura abana mw’ibarabara, ariko dusaba ko vyokogwa hubahirijwe agateka k’abana. »

Muri FENADEB bavuga ko bafise amakenga ko abazokurwa mw’ibarabara bazohava bakurwaho ku nguvu, na rirya abegwa n’ico kibazo batagishwa inama.

Umwigisha muri za Kaminuza Joseph Ndayisaba avuga ko icihutigwa kitoba kubakura mw’ibarabara igihutihuti, ariko hobanza hakigwa igituma baja mw’ibarabara, n’ingene ubuzima bw’abo bwomera neza inyuma yo gukurwa mw’ibarabara.

« Imvo zituma abana baja mw’ibarabara ziratandukanye.Mu gihe bokurwayo bose bakajanwa mu miryango, mu gihe icabatumye kuja mw’ibarabara kikiriho, nta buhungiro boba baronse. »

Joseph Ndayisaba avuga kandi ko hakwiye gukorwa ivyigwa bikomeye mu ntumbero yo gufasha abana bo mw’ibarabara.

Ivyigwa vyakozwe bikaba vyerekana ko ibice 20% vy’abana bo mw’ibarabara batahukanwa mu miryango aribo bashobora kugumayo nayo abarenga 60% baca basubira mw’ibarabara


Pacifique BUKURU

Messages

  • Birumvikana, mwaramenyereye kubasegesha ngo muriko mubafasha none hageze ko bava mwibararabara muvuga ko hataragera. Muzoheba kukamisha amagorwa y’abandi ryari ?

    Hirya yejo zari za grénades ngo abazungu babone ko ibantu bariko barahona, yari génocide... abatari bake bakoresha mugusega, bibata ku wamazi. Ibisaka vyimbwa biriko bisha hari abagiye kwicwa na kwashi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.