FENADEB : Igipimo ca ADN gikwiye gukoreshwa cane ku bavyeyi bihakana abana

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 22 Kigarama 2017 saa 10:28
21825
0 0

Mu gihe Reta yashizeho umugambi wo gukura abana bose mw’ibarabara, mu runani FENADEB babona ko hakenewe ivyigwa ku bituma abana barwira mw’ibarabara. Jacques Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe aharanira ineza y’abana, FENADEB, avuga ko igipimo ca ADN gikoreshejwe cane vyotuma abana bahakanwa n’abavyeyi boba bake.

Nk’ukwo yabishikirije mu nama yo kwigira hamwe ibibazo abana bo mw’ibarabara bahura navyo nk’ihahamuka n’ibindi, Jacques NSHIMIRIMANA atwara FENADEB yashikirije ko igipimo ca ADN cerekana abasangiye amaraso, cofasha cane mu kugabanya abana baja mw’ibarabara.

Avuga ati : « Hari abana benshi bavuka ku bigeme batwaye inda z’ishushu, ugasanga ababateye izo nda ni abagabo bifise, bagaca bihakana abana. Kenshi, ku mvo z’ubukene n’indyane mu miryango, abana batari bake baca batora ibarabara nk’inyishu y’ingorane barimwo, bakaba bwomoke. Mu gihe igipimo ca ADN coza kirakoreshwa cane, iyo ngeso yogabanuka. »

Jacques NSHIMIRIMANA asaba ko uburyo (amafaranga) bw’ugupimisha ibipimo vya ADN bwotegekanwa ku bigeme bavuga baba bazi ababavyayeko, ariko abo bagabo bakabihakana.

Umwigisha muri Kaminuza, Joseph NDAYISABA, avuga ko ingorane z’abana akenshi ziva ku bavyeyi batitaho neza ibibondo vyabo.

Twibutse ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’ukugera kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, abana bo mw’ibarabara bose bazobe bakuweyo. Mu runani FENADEB basaba ko ico kiringo cokwongerezwa, kubera imyiteguro isa n’iyitarahera.

Jacques NSHIMIRIMANA arongoye FENADEB avuga ati : « Hasigaye iminsi icenda gusa kugira ikiringo umukuru w’igihugu yatanze kirangire. Ku bwacu tubona ko hatari bwagere. Turashigikiye cane umugambi wo gukura abana mw’ibarabara, ariko dusaba ko vyokogwa hubahirijwe agateka k’abana. »

JPEG - 180.6 ko
Jacques NSHIMIRIMANA, umukuru wa FENADEB

Muri FENADEB bavuga ko bafise amakenga ko abazokurwa mw’ibarabara bazohava bakurwaho ku nguvu, na rirya abegwa n’ico kibazo batagishwa inama.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha