FIFA iragabisha ku bazokora ikumigwa rihagaze ku rukoba mu nkino z’igikombe c’isi yose mu Burusiya

Yanditswe na Paficique BUKURU
Kuya 28 Munyonyo 2017 saa 01:17
5940
0 0

Ishirahamwe FIFA riciye ku mukuru waryo Gianni Infantino, ryamenyesheje kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 27 Munyonyo, ko ibihano bikomeye bizofatigwa abo bose bazogira ikumira riciye ku rukoba mu gikombe c’isi yose kizobera mu gihugu c’Uburusiya kuva kw’itariki ya 14 Ruheshi gushika kuya 15 Mukakaro 2018.

Gianni Infantino amenyesha ko FIFA itazokwihanganira na gato ingendo zo gukumirana, akamenyesha ko bibaye ngombwa n’urukino ruzoshobora guhagarikwa mu gihe hagaragaye ihohotegwa ry’umwihariko riciye ku rukoba.

Iyo ngingo yafashwe mu gihe muri ico gihugu c’Uburusiya hamaze kwiyerekana ku ncuro nyinshi ikumigwa n’ihohotegwa riciye ku rukoba.

JPEG - 30 ko
Gianni Infantino, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA

Aho twotanga uturorero ku bimaze gushikira abakinyi bamwe bamwe nka Hulk, umusatirizi akomoka mu gihugu ca Brésil, yahohohotewe mu nkino zose yakiniye umugwi wa Zenit Saint Petersbourg, umukinyi Roberto Carlos nawe nyene akomoka mu gihugu ca Bresil yatewe imihwi incuro zishika kuri zibiri mu mwaka wa 2012, muri ico gihugu.

Yaya Touré, umunya Côte d’Ivoire yaratyojwe mu mwaka wa 2013 ku kibuga ca Arena CSKA Moscou, akaba yaciye asaba abakinyi bakomoka muri Afrika kutitaba igikombe c’isi co mu Burusiya ibintu bidahindutse.

Mu mwaka wa 2015, ishirirahamwe Football Against Racism in Europe (FARE) ryamenyesheje ko kuva muri Rusama 2012 gushika muri Rusama 2014, abakinyi bagera kuri 99 batutswe kubera urukoba rwabo, 21 nabo barakubagugwa mu Burusiya.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha