Firipine : Abantu 32 bishwe, 100 barafatwa mu gikorwa co kugwanya ibiyayuramutwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 16 Myandagaro 2017 saa 04:14
Yasomwe : 2547
0 0

Abantu 32 nibo bishwe n’igiporisi c’igihugu ca Firipine mw’isekeza ryakozwe rijanye no kurwanya ibiyayuramutwe mu ntara ya Bulacan mu buraruko bw’umurwa mukuru Manille kuwa kabiri igenekerezo rya 15 Myandagaro 2017.

Iryo sekeza ryamaze amasaha 24, kikaba catanguye isaha zitandatu z’ijoro gishika isaha zitandatu z’ijoro nyene.Amakuru ava mur’ico gihugu ashikiriza ko iryo sekeza ryakozwemwo n’ibitero 20 mu bice vy’iyo ntara ya Bulacan, nkuko amakuru yo mu gihugu abishikiriza.

Igiporisi caho muri Firipine kimenyesha ko ico gikorwa camaze amasaha 24 kandi ko abapfuye ari abafise uruhara mu bikorwa bibujijwe n’amategeko bijanye n’ibiyayura mutwe.

Igiporisi kivuga kandi ko abo bantu bapfuye bari bitwaje ibirwanisho bashaka guhangana n’abajejwe umutekano,aho abantu barenga 100 bafashwe hongera hafatwa kandi ibiyayuramutwe hamwe n’ibigwanisho .

Ico gikorwa co kurandurana n’imizi urudandazwa rw’ibiyayuramutwe catumye amakungu asemerera kuko ivyo bikorwa bimaze guhitana ubuzima bw’abantu benshi.

Mwomenya ko abantu baharurwa mu bihumbi, aribo bamaze kwicwa kuva aho umukuru w’igihugu Rodrigo Duterte atanguje umugambi wo kurwanya ibijanye n’ibiyayura mutwe mu mwaka uheze wa 2016.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha