Ishirahamwe FOCODE risaba ko ingingo zo mu gitabo mpanavyaha zitohindurwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 6 juin 2017 saa 09:41
Yasomwe : 5463
0 0

Ishirahamwe FOCODE risaba abategetsi b’Uburundi guhagarika igikorwa co guhindura ingingo zimwe zimwe ziri mu gitabo mpanavyaha, kuko zituma ibikorwa vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu bica vyemerwa n’amategeko.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe FOCODE ryo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko ritewe impungenge n’ingene abajejwe umutekano bafashe amazu y’abanyagihugu bahunze igihugu bakayagira ibirindiro.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe FOCODE riragaruka kandi kw’itegeko ryemerera inzego z’umutekano gukora ibikorwa vyo gusaka mw’ijoro, aho rimenyesha ko hamwe vyokwemezwa, bishobora kuba inyanduruko yo guhohotera abatavuga rumwe na Reta.

Ishirahamwe FOCODE rigahamagarira umurwi ujejwe amatohoza ku Burundi kwisunga cane ibikorwa vyo gusaka biba mu masaha y’ijoro, rigasaba kandi Sentare mpuzamakungu gutanguza vuba amatohoza ku bibera mu Burundi.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha