Filipine : Abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bagiye gufasha kurwanya intagondwa

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 10 juin 2017 saa 12:34
Yasomwe : 6984
0 0

Abasirikare karuhariwe ba Reta zunze Ubumwe za Amerika bariko barafasha abasirikare ba Reta ya Firipine mu ngwano ibahuza n’abarwanyi biyitirira Reta ya Isiramu mu ntumbero yo gukura mu minwe y’abo barwanyi igisagara ca Marawi bamaze iminsi barigaruriye.

Nkuko tubikesha I radiyo y’Abafaransa RFI , ubuserukizi bwa Amerika muri Firipine bwemeje amasezerano yo gufashanya na Reta ya Firipine mu bujanye no kugaruza igisagara ca Marawi cigaruriwe n’abarwanyi bacuditse hamwe na Reta yiyitirira iy’aba Isiramu.

Igisirikare ca Firipine camenyesheje ko ayo masezerano ari ayo gufashanya mu buhinga n’ibikoresho gusa ko ata musirikare wa Amerika azogwana .

Mu ngwano zimaze hafi indwi irenga , abasirikare ba Reta bamaze guhitanwa n’izo ngwano bashika ku 58,abanayagihugu 20 hamwe n’abarwanyi amajana , harimwo abashika kuri 13 bishwe kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017.

Mwomenya ko Abasirikare ba Amerika batanguye kuba murico gihugu kuva mu mwaka wa 2002 naho Abagwanyi biyitirira Reta y’aba Isiramu bakaba bigaruriye igisagara ca Marawi kuva kw’igenekerezo rya 23 rusama 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha