Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Abashikiranganji bane batanze imihoho mu ndwi imwe
Ubufaransa : Abashikiranganji bane batanze imihoho mu ndwi imwe
jeudi 22 Ruheshi 2017
Abo batanze imihoho ni umushikiranganji w’ubutungane François Bayrou yari yegereye cane umukuru w’igihugu Emmanuel Macron, hamwe n’umushikiranganji ajejwe akarere ka Buraya Marielle de Sarnez.
Naho François Bayrou yatanze imihoho, bivugwa ko agiye kurongora umugambwe Mouvement Démocrate (MoDem) wari rishigikiye umukuru w’igihugu Emmanuel Macron, mu nama nshingamateka y’Ubufaransa.
François Bayrou, Marielle de Sarnez na Sylvie Goulard bose bava mu mugambwe MoDem, batanze imihoho, mu gihe umugambwe wabo MoDem uriko ugirwako amatohoza ko woba woba wakoresheje abakozi b’inama nshingamateka ya Buraya,ku nyungu z’umugambwe.
Ku rundi ruhande Richard Ferrand yabaye umuvugizi w’umukuru w’igihugu Emmanuel Macron mu gihe co kwiyamamaza, yemeye gutanga imihoho kugira aje kurongora umugambwe La République en Marche mu nama nshingamateka y’Ubufaransa.
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi 2017, umushikiranganji wa mbere Edouard Philippe yamenyesheje abashikiranganji bashasha Nicole Belloubet yabaye umushikiranganji w’ubutungane,Florence Parly yagenywe kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi, na Nathalie Loiseau yagenywe kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.
MUGISHA Van Naris