Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
France:Cedric Herrou yaciriwe ihadabu yama ero 3000 kubera yakiriye abimukira
Yanditswe taliki ya 10-02-2017 - isaha 16:06' na IGIHE

Umufaransa Cedric Herrou yaciriwe gutanga ihadabu y’amafaranga 3000 vy’amanyaburaya kubera yafashije abimukira bava mu bihugu vya Afrika, baca baca ku rubibe rw’ubufaransa n’ubutaliyano.

Cedric Herrou asanzwe ari umurimyi mworozi,yakiriye abimukira ku rugo rwiwe ruri ahitwa Roya valley, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu c’Ubufaransa.

Cedric Herrou avuga ko azobandanya gufasha abimukira, kuko avuga ko ari igikorwa kiri mu vyo akwiye gukora nk’umwenegihugu (devoir civique),kandi hari n’abandi bamushigikiye.

Ikibazo c’abimukira kirakomeye cane cane muri kino gihe amatora azoba mu kwezi kwa kane n’ukwa gatanu aguma yegereza.

Umushikirizamanza mu gisagara ca Nice yasavye ko yohabwa ikiringo c’amezi umunani kugira barabe ko asubira gukora ayo makosa ,hanyuma bamuhane.
Cedric Herrou gushika ubu atunze urwaruka ruva mu bihugu vya Sudani na Eritreya.

Ivyiyumviro vyanyu

Uwo numugiraneza nibamureke yiyakirire imbabare, ikibi nuko yobakoresha atabahemba.

14.02.2017 à 02:18
Ntakirutimana Jonatan

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.