IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > France: Igice ca mbere c’amatora y’abashingamateka catsinzwe n’umugambwe (...)

France: Igice ca mbere c’amatora y’abashingamateka catsinzwe n’umugambwe w’umukuru w’igihugu

lundi 12 Ruheshi 2017

Ibiharuro vyatanzwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu mw’ijor ryo kuw’Imana igenekerezo rya 11 Ruheshi 2017 vyerekana ko umugambwe w’umukuru w’igihugu LREM warushije umugambwe wa Droite waronse amajwi 21,56 kw’ijana hamwe n’umugambwe Front National waronse amajwi 13,20 kw’ijana.

Abaye amatora y’abashingamateka abonetsemwo igiharuro kinini c’amajwi ataco asigura (abstention), ku majwi 51,29 kw’ijana ataco asigura mu matora.

Icegera c’umukuru w’umugambwe Front National Florian Philippot yavuze ko baguye mu gahundwe babonye ivyavuye mu matora.aca asaba ko abanyamigambwe bohamagarira abanywanyi gutora mu gice ca kabiri c’amatora kizoba kuw’Imana igenekerezo rya 18 Ruheshi.

Abakora ubushakashatsi bamaze kwerekana ko umugambwe w’umukuru w’igihugu Emmanuel Macron LREM ushobora kuronka intebe ziri hagati ya 390 na 445 ku ntebe 577 z’abashingamateka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.