IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > France: Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu yatanze imihoho

France: Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu yatanze imihoho

mercredi 22 Ntwarante 2017

Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu c’Ubufaransa Bruno Le Roux yatanze imihoho muri ayo mabanga inyuma yo kwagirizwa ko yahaye akazi abakobwa biwe babiri nk’abafasha b’inama nshingamateka bakiri bataraheza amashuri.

Imbere yo gutanga imihoho, Bruno Le Roux yari yatanguye kugirwako amatohoza ku makuru yavugwa ko yoba yahemvye abana biwe amafaranga yababa ibihumbi 30 vy’amadorare y’abanyamerika gushika mu mwaka wa 2016.

Naho biri ukwo, amategeko mu gihugu c’Ubufaransa ntabifata nk’icaha ,uretse gusa hamwe yoba yahemvye abana biwe babiri bitwa ko bakora akazi katabaho mu gihugu.

Si Bruno Le Roux yashikiwe nico kibazo, kuko na Fra ncois Fillon ariko yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu ariko akorwako amatohoza, kubera yatanze akazi ku bantu bo mu muryango wiwe.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.