Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umumenyeshamakuru Jean-Karim Fall wa France 24 yitavye Imana
Umumenyeshamakuru Jean-Karim Fall wa France 24 yitavye Imana
samedi 27 Rusama 2017
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI Jean-Karim Fall yitavye Imana mu gihe yariko akurikirana amakuru ku ruhande rw’imboneshakure y’abafaransa France 24, mu gisagara ca Taormine, muri Sicile aharik habera inama ya G7 ihuza ibihugu indwi bitunze kw’isi.
Jean-Karim Fall yari azwi cane kuba ari mu bamenyeshamakuru bakoreye cane ku mugabane wa Afrika mu bihe bitoroshe, nk’igihe c’intambara y mu gihugu ca Liberia, akaba kandi n mu bamenyeshamakuru ba mbere bagiye gukurikirana ibijanye n’indwara ya Ebola igitangura kubneka mu gihugu ca Republika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.
Jean-Karim Fall yari azwi cane kandi kubera ibiganiro yagiranye n’abakuru b’ibihugu bitandukanye vyo ku mugabane wa Afrika, akaba kandi yitavye inama nyinshi zihuza abakuru b’ibihugu vy ku mugabane wa Afrika.

Umumenyeshamakuru Jean-Karim Fall yitavye Imana afise imyaka 59,akaba yarabaye uwujejwe akarere ka Afrika mw’iradiyo y’abafaransa RFI, ubu akaba yakorera imboneshakure y’abafaransa France 24.
Mugisha Van Naris
Messages
27 Rusama 2017, 21:05, par Ndihokubwayo Jpaul
Imana Imwakire