IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Gucisha ibwirizwa nshingiro mu nama nshingamateka ntivyari bikurikije (...)

’’Gucisha ibwirizwa nshingiro mu nama nshingamateka ntivyari bikurikije amategeko’’

vendredi 29 décembre 2017

Mu kiganiro yaremesheje mu kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama 2017, mu ntara ya Kayanza, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa nshingiro catanguye mu mwaka wa 2012.

Muri ico kiganiro, umukuru w’igihugu avuga ko bamaze kubaza abahinga mu bijanye n’amategeko, basanze ko igikorwa co kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro gikorwa biciye aho vyaciye ubwa mbere.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko ata handi ibijanye no kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro bica atari mu banyagihugu, ari nabo baba bararyemeje.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akavuga ko, ibwirizwa nshingiro ari iry’abarundi, ari naco gituma bikorwa n’abarundi bonyene ubwabo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.