Accueil > Amakuru > ishirahamwe > HCR isaba ibihugu vyakira impunzi z’abarundi kwagura amakambi (...)
HCR isaba ibihugu vyakira impunzi z’abarundi kwagura amakambi y’impunzi
samedi 11 Ruhuhuma 2017
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR rimenyesha ko mu gihe ibihugu vyakira impunzi z’abarundi bitokwongereza ubutaka babakirirako,ivyo bihugu bishobora kugira ingorane zo gukwiza uburaro izo mpunzi no kubatunganiriza mu bijanye n’ubuzima.
Nkuko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ishirahamwe HCR,iryo shirahamwe rimenyesha ko abarundi babandanya guhungira mu bihugu bibanyi nk’Urwanda, Tanzaniya na Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe ryitaho impunzi HCR rimenyesha ko mu minsi ya mbere y’umwaka wa 2017 abahunga Uburundi biyongereye, muri abo benshi akaba ari abagore,abana n’abandi bafise ivyo biharije.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi rimenyesha ko abarundi 386 493 aribo bari bamaze guhunga gushika mu ntang z’ukwezi kwa Ruhuhuma umwaka wa 2017.
Muri iryo tangazo,ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ryibutsa ibihugu bifasha kwongereza infashanyo zo gufasha impunzi z’abarundi.
IGIHE
Messages
11 Ruhuhuma 2017, 16:10, par Musaga
Nibamara imyaka 40 muri ayo makambi bazaba ari abagabo.
11 Ruhuhuma 2017, 16:43, par Hutsi
Reka nisekere!!!
Mwataye imitwe ndabarahiye!!!
11 Ruhuhuma 2017, 22:21, par nini
none bahunga iki? twebge ko dutekanye
12 Ruhuhuma 2017, 09:44, par Pascal
Impunzininyishi,kwiyakiriro Ryinkambiyanduta.Bamwebararahanzebatonzimirongo.Abakozibatwakiranabicane.
12 Ruhuhuma 2017, 10:43, par ,..
Ivyabarundi Biragoye Ntimurambirwe
12 Ruhuhuma 2017, 13:43, par wemerog
mubatuma.barwira.Namwe.Murimwo.KukO.murikomwipigirinoti.uburundidupfiremumadeni,ewemana.tabaruburundi
12 Ruhuhuma 2017, 23:04, par Kanyaru
Yemwe HCR nambayishakira impunzi nirindire mumisimike izobona isinzi ryimpunzi zabanyarwanda zihunga kandi mumwaka umwegusa WA 2018 uzohera hamazeguhunga abanyarwanda barenga million 5
Kuko abarenga ibihumbi 500 bazobabahejeje kwicwa na Kagame, abababa million 1 bazoba barimugasho, hanyuma abarenga million 3 bazobabibona nkabashigikiye Kagame beshi basanaba bundabunda kumatungo yabo.
13 Ruhuhuma 2017, 09:57, par Augustin Wege
Intwaro Itahindutse Ntitworota Tusubira Mu Burundi HCR Ni Papa Ni Mawe Ico Tusha Iranduha
13 Ruhuhuma 2017, 12:26, par nzeyi
jewe icombona nuko reta yuburundi na HCR bogirana ibiganiro kuko nkino iwacu mu kirundo kommune bugabira muri zone kigoma abari barahungiyirwanda bariko baragaruka buhorobuhoro
14 Ruhuhuma 2017, 02:13, par Ntakirutimana Joel
Nimubageragereze muzobafashe abazoba babituye bose kuko ntibazoba aribo, uburundi busigaye bugeze ahoshetani ashaka, naje ndose ahonoca nobuvuyemwo kuko turavye imyiteguro yimbonerakure yokwigishwa ibirwanisho, birerekana komumisi yimbere uburundi buzoba bwaka umuriro.
14 Ruhuhuma 2017, 07:06, par rekurabikigendeka
reka bahunge natwe turi inyuma ntawovuga yamuhe ngo ntazohunga we rindira muci bizomenyekana
14 Ruhuhuma 2017, 07:29, par muganga
NA BADO RETA YAVUZE KO YISHOBOYE NIBAZIBIRE TURABE