Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
HCR isaba ibihugu vyakira impunzi z’abarundi kwagura amakambi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > HCR isaba ibihugu vyakira impunzi z’abarundi kwagura amakambi (...)

HCR isaba ibihugu vyakira impunzi z’abarundi kwagura amakambi y’impunzi

samedi 11 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR rimenyesha ko mu gihe ibihugu vyakira impunzi z’abarundi bitokwongereza ubutaka babakirirako,ivyo bihugu bishobora kugira ingorane zo gukwiza uburaro izo mpunzi no kubatunganiriza mu bijanye n’ubuzima.

Nkuko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ishirahamwe HCR,iryo shirahamwe rimenyesha ko abarundi babandanya guhungira mu bihugu bibanyi nk’Urwanda, Tanzaniya na Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe ryitaho impunzi HCR rimenyesha ko mu minsi ya mbere y’umwaka wa 2017 abahunga Uburundi biyongereye, muri abo benshi akaba ari abagore,abana n’abandi bafise ivyo biharije.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi rimenyesha ko abarundi 386 493 aribo bari bamaze guhunga gushika mu ntang z’ukwezi kwa Ruhuhuma umwaka wa 2017.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ryibutsa ibihugu bifasha kwongereza infashanyo zo gufasha impunzi z’abarundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.